Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 5:10 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Abakuru b’Abayuda babwira wa muntu yakize bati: “Uwu ni umusi w’Isabato; ivyagezwe ntibikwemerera kwikorera ikirago cawe.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Nukw Abayuda babgira uwakijijwe, bat’ Erega ni kw isabato: ntivyemerwa ko wikorera ikirago cawe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 5:10
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

ahasanga umuntu akongataye ukuboko. Kuko bashaka ico bafatirako kugira ngo bamwagirize, baramubaza bati: “Mbega biremewe gukiza umuntu ku musi w’Isabato?”


Abafarisayo baramubaza bati: “Ni kuki abigishwa bawe bakora ibitemewe ku musi w’Isabato?”


Arababaza ati: “Mbega ni igiki cemewe gukorwa ku musi w’Isabato: Gukora iciza canke gukora ikibi? Gukiza umuntu canke kumwaka ubugingo?” Ntihagira uwumwishura.


Ariko umukuru w’isinagogi ababazwa n’uko Yesu akijije umuntu ku musi w’Isabato. Aca abarira abari aho ati: “Imisi y’ibikorwa ni itandatu. Muzohore muza gukizwa ingwara muri iyo misi, ariko atari ku musi w’Isabato.”


Baca basubira i muhira bategura ibimota neza n’amavuta yo gusiga ikiziga. Ariko Isabato igeze bararuhuka kugira bubahirize icagezwe.


Bamwe mu Bafarisayo baramubaza bati: “Ni kuki mukora ikizira ku musi w’Isabato?”


Iyi ni yo ntahe Yohana yashinze igihe abakuru b’Abayuda b’i Yerusalemu bamutumako abaherezi n’Abalewi ngo bamubaze uwo ari we.


Arabishura ati: “Umuntu yankijije ni we yambwiye ati: ‘Ikorere ikirago cawe ugendagende.’  ”


Wa muntu aca aragenda abwira ba bakuru b’Abayuda ko ari Yesu yamukijije.


Nuko abakuru b’Abayuda batangura guhama Yesu, kuko yakoze ivyo ku musi w’Isabato.


Nimba mushobora gukeba umwana w’umuhungu ku musi w’Isabato kugira ngo mwubahirize icagezwe ca Mose, ni kuki munshavurira iyo nkijije umuntu ku musi w’Isabato.


Bamwe mu Bafarisayo baravuga bati: “Uwu muntu yakoze ibi ntava ku Mana, kuko ntiyubahiriza umusi w’Isabato.” Ariko abandi barabaza bati: “None umunyavyaha yoshobora gukora ibitangaza nk’ibi?” Maze ivyo bituma bacanamwo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ