43 Haheze imisi ibiri, Yesu ava i Samariya aja i Galilaya.
43 Iyo misi ibiri ishize, avayo aja i Galilaya.
Yabanje kuja i Nazareti, hanyuma avayo aja kuba i Kaperinawumu, igisagara cari hafi y’ikiyaga mu ntara ya Zabuloni na Nafutali,
Maze aca amuzana aho Yesu ari. Nuko Yesu yihweza Petero, aramubwira ati: “Uri Simoni mwene Yohana, ariko ugiye kwitwa Kefa” (bisigura Petero).
Bashitse aho ari, baramwinginga ngo agumane na bo, maze ahamara imisi ibiri.
(Yesu ubwiwe yari yaravuze ko ata wuvugishwa n’Imana ahabwa iteka mu gihugu ciwe.)
Yongera kuja i Kana mu ntara ya Galilaya, hamwe yahindura amazi umuvinyu. Aho hari umutware yakora i bwami yari afise umuhungu arwariye i Kaperinawumu.
Mwibuke ko Kristo yaje ari uwukorera Abayuda kugira ngo abereke ko Imana ari umwizigirwa ku masezerano yasezeraniye ba sekuruza.