33 Abigishwa barabazanya bati: “Mbega hari uwoba yamuzaniye ivyokurya?”
33 Abigishwa barabazanya, bati Mbega har’ uwamuzaniye ivyo kurya?
Bukeye, akoranya abigishwa biwe bose, atoranyamwo cumi na babiri, abagira intumwa. Na bo ni aba:
Ariko bo ntibatahura ico ababwiye. Insiguro y’ayo majambo yari ihishijwe, bituma batayimenya, kandi batinya no kugira ico babimubazako.
Umwe muri ba bigishwa babiri bumvise ivyo Yohana yavuze bagaca bakurikira Yesu, yitwa Andereya kandi yavukana na Simoni Petero.
Yesu n’abigishwa biwe na bo bari batumiwe muri ubwo bukwe.
Ariko arababwira ati: “Ndafise ivyokurya mwebwe mutazi.”