Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 4:31 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

31 Muri ico gihe, abigishwa bariko baramwinginga bati: “Rabi, gira ico ufunguye.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

31 Batarashika, abigishwa baramwinginga, bati Mwigisha, enda fungura.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 4:31
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Bakunda kuramutswa mu cubahiro mu makoraniro y’abantu, bagakunda ko babita Rabi risobanurwa ngo Mwigisha.


Ariko mwebwe, ntimukemere ko babita Rabi kuko mufise umwigisha umwe, namwe mukaba muvukana.


Maze Yuda, yari yateguye kumugurisha na we nyene avuga ati: “None yoba ari jewe ga Mwigisha?” Yesu aramwishura ati: “Na we urabizi.”


Maze Yuda aca agenda atumbereye Yesu, avuga ati: “Ndakuramukije Rabi!” Aca aramusoma.


Petero aca aravyibuka maze abwira Yesu ati: “Mwigisha, ehe ca giti wavuma cumye!”


Babashikiriye, Yuda agenda atumbereye Yesu, avuga ati: “Rabi!” Aca aramusoma.


Petero abwira Yesu ati: “Mwigisha, bitubereye vyiza kuba hano. Reka tuhashinge amahema atatu: iryawe, irya Mose, n’irya Eliya.”


Yesu ahindukiye, abona ko bamukurikiye. Arababaza ati: “Mwipfuza iki?” Baramwishura bati: “Rabi (bisigura ‘Mwigisha’), watse indaro he?”


Natanayeli aca aravuga ati: “Rabi, uri Umwana w’Imana, uri Umwami wa Isirayeli.”


Abigishwa biwe baramubaza bati: “Mwigisha, haheze imisi mike cane Abayuda bashatse kugutera amabuye, none ushaka gusubirayo?”


Umusi umwe aza kuraba Yesu mw’ijoro aramubwira ati: “Rabi, turazi ko uri umwigisha yavuye ku Mana, kuko nta muntu yoshobora gukora ibitangaza ukora, Imana itari kumwe na we.”


Nuko baza aho Yohana ari bamubwira bati: “Rabi, wa muntu yari kumwe na we hakurya y’uruzi Yorodani, umwe washingira intahe, ariko arabatiza kandi abantu bose baja iyo ari.”


Nuko baca barasohoka bava mu gisagara baja iyo Yesu ari.


Ariko arababwira ati: “Ndafise ivyokurya mwebwe mutazi.”


Bamusanze aho yari ari hakurya y’ikiyaga, baramubaza bati: “Mwigisha, washitse hano ryari?”


Abigishwa biwe baramubaza bati: “Mwigisha, ni nde yacumuye bigatuma uwu muntu avuka ari impumyi: mbega ni we canke ni abavyeyi biwe?”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ