Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 4:15 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 Wa mugore aramubwira ati: “Nyakwubahwa, mpa kuri ayo mazi kugira ngo sinzosubire kunyoterwa ngo name nza ngaha kuvoma.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Uwo mugore aramubgira, ati Mugenzi, mpa se ayo mazi, sinze ngire inyota, kandi sinze ngaruke kuvoma ino hose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 4:15
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yesu aramubwira ati: “Genda uhamagare umugabo wawe uce ugaruka.”


Yesu arabishura ati: “Ndababwire ukuri, ntimuriko mundondera kubera mwatahuye ibitangaza mwabonye nkora, ahubwo mundondera kuko nabagaburiye imikate mugahaga.


Baramubwira bati: “Nyakwubahwa, turagusavye wame uduha uwo mukate imisi yose.”


Yesu arabishura ati: “Ni jewe mukate w’ubugingo. Uwuza aho ndi ntazosubira gusonza, kandi uwunyizera ntazosubira kunyoterwa.


Kuko impembo y’icaha ni urupfu, ariko ingabire Imana itanga ku buntu ni ubugingo budashira duheshwa no kwizera Kristo Yesu, Umwami wacu.


Abarongorwa na kamere kabo k’icaha bashira imitima ku vyipfuzo vy’umubiri, ariko abarongorwa na Mpwemu Yera, bashira imitima ku vyo Mpwemu agomba.


Umuntu adafise Mpwemu ntashobora kwakira ibiva kuri Mpwemu w’Imana, kuko bisa n’ubujuju kuri we, kandi ntashobora kubitahura kuko bisesangurwa biciye muri Mpwemu.


Mbere n’iyo musavye ntimuhabwa, kuko musaba mufise intumbero mbi, mushaka gukoresha ivyo muronse mu bihimbaro vyanyu.


Turazi kandi ko Umwana w’Imana yaje akaduha ugutahura, kugira ngo tumenye Imana nyakuri. Ubu turi mu Mana nyakuri kuko turi mu Mwana wayo, Yesu Kristo. Ni we Mana nyakuri kandi ni we bugingo budashira.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ