9 Nikodemu aramubaza ati: “None ivyo bishoboka bite?”
9 Nikodemo aramubaza, at’ Ivyo bishoboka bite?
Mariya abaza uwo mumarayika ati: “Ivyo vyoshoboka bite, ko ntarigera ndyamana n’umugabo?”
Yesu aramwishura ati: “Wewe ko uri umwigisha yubashwe muri Isirayeli, bigenda gute ngo ntutahure ibi?
Nikodemu aramubaza ati: “Mbega umuntu ashaje yoshobora kuvuka ubwa kabiri gute? Yoshobora gusubira mu nda ya nyina, akongera akavuka?”
Umuyaga uhuhutira aho ushaka, wewe ukumva uhuhuta gusa, ariko ntushobora kumenya iyo uzanana canke iyo uja. Uko ni ko bimera no ku wuvyawe na Mpwemu.”
Maze Abayuda batangura guharira hagati yabo bashavuye bati: “Ni gute uwu mugabo yoduha umubiri wiwe ngo tuwurye?”
Benshi bo mu bigishwa biwe bavyumvise baravuga bati: “Izi nyigisho ziragumye. Ni nde yozemera?”