6 Umubiri uvyara umubiri, ariko Mpwemu avyara impwemu.
6 Ikivyawe n’umubiri na co n’umubiri; ikivyawe na Mpwemu na co n’impwemu.
Abo ntibavyawe mu buryo busanzwe, biciye mu kwipfuza kw’umubiri canke mu gushaka kw’umugabo; ahubwo bavyawe n’Imana.
Ntutangazwe n’uko ndakubwiye nti: ‘Utegerezwa kuvuka ubwa kabiri.’
Ndazi neza ko, muri kamere kanje k’icaha ata ciza kimbamwo, kuko naho nipfuza gukora ibigororotse, sindabishobora.
Imana ishimwe yo imbohora biciye muri Yesu Kristo Umwami wacu! Nuko rero, mu mutima wanje ndipfuza cane kwumvira ivyagezwe vy’Imana, ariko muri kamere muntu kanje njakariye icagezwe c’icaha.
Igihe twari tukiganjwe na kamere muntu kacu ka kera, ivyipfuzo vy’ivyaha vyishimikiza ivyagezwe bigakorera mu mibiri yacu, kandi ivyo twakora vyose vyadushikana ku rupfu.
Kuko nimba murongorwa na kamere kanyu k’icaha muzopfa, ariko nimba Mpwemu yarabashoboje kwica ibikorwa bibi vya kamere muntu kanyu ka kera, muzobaho.
Ariko uwifatanije n’Umwami Imana aba abaye umwe na we mu buryo bw’impwemu.
Kuko uwuri muri Kristo Yesu aba abaye icaremwe gishasha, ivya kera biba biheze, ibishasha biba bishitse.
Aba Kristo Yesu babamvye kamere muntu kabo hamwe n’ivyo gahahamiye n’ivyo kipfuza.
Natwe kera twigenza nka bo, twakurikira ivy’imibiri yacu yipfuza, tugakora ivyo iyi mibiri n’imitima vyacu bishaka. Kandi muri kamere muntu kacu twari abo gucibwa urubanza n’Imana nk’abandi bose.
Muri we mwarakebwe ugukebwa kutari ukwo mu buryo bw’umubiri. Ni ugukebwa mwakebwe na Kristo kwo kubambura akamere k’icaha.
Nta muntu yavyawe n’Imana abandanya acumura, kuko afise imbuto y’Imana muri we. Ntashobora kubandanya acumura kuko Imana ari Se.