Kuko Ivyanditswe bivuga biti: “Imana yashize vyose musi y’ububasha bwiwe.” Ariko rero bivuze ko “vyose” biri musi y’ububasha bwiwe, biragaragara ko bitaba bishizemwo Imana kuko ni yo ishira vyose musi y’ububasha bwa Kristo.
Ubu rero Yesu yarasubiye mw’ijuru. Yicaye mu kibanza c’iteka i buryo bw’Imana kandi abamarayika, abanyabushobozi n’abanyabubasha bose bari musi y’ubushobozi bwiwe.