Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 3:27 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

27 Yohana arabishura ati: “Nta co muntu ashobora kuronka atagihawe kivuye mw’ijuru ku Mana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

27 Yohana arabishura, ati Nta co umuntu ashobora kuronka ubgiwe, atagihawe kivuye mw ijuru.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 3:27
27 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mbega umubatizo wa Yohana wavuye he? Ku Mana yo mw’ijuru canke ku bantu?” Baravugana hagati yabo bati: “Nitwavuga tuti: ‘Wavuye mw’ijuru,’ ahava atubaza ati: ‘None ni kuki mutizeye ivyo Yohana yavuze?’


Uwa mbere amuha italanto zitanu, uwa kabiri amuha zibiri, uwa gatatu amuha imwe, umwe wese amuha akurikije uko ashoboye gucuruza. Hanyuma afata urugendo.


Ukuza kw’Umwana w’Umuntu kugereranywa n’urugendo umuntu yateguye. Agira ave i muhira, yabwiye abakozi biwe bose ivyo bategerezwa gusigara barakora, hanyuma abwira umuteramyi kuba maso.


Abantu benshi baza aho ari, baravuga bati: “Naho Yohana ata gitangaza yakoze, ivyo yavuze vyose kuri uwu muntu vyari ukuri.”


Yongerako ati: “Ni co gituma nababwiye ko ata muntu ashobora kuza aho ndi atabishobojwe na Data.”


Imana yangiriye ubuntu biciye muri we, impa kuba intumwa ku bw’icubahiro ciwe, kugira ngo nshobore gushikana Abanyamahanga ku kuyizera no kuyumvira.


Dufise ingabire zitandukanye, bivanye n’ubuntu Imana yatugiriye. Nimba ufise ingabire yo kuvugishwa n’Imana, ubikore ukurikije ukwizera wahawe.


Jewe Pawulo nahamagariwe kuba intumwa ya Kristo Yesu bivuye ku gushaka kw’Imana, hamwe na mwene Data Sositene,


Izo ngabire zose zitangwa na Mpwemu umwe, bivanye n’uko agomba kuzitanga.


Ariko ndi uwo ndi kubera ubuntu bw’Imana, kandi ubwo buntu ntibwapfuye ubusa. Nakoze cane gusumba izindi ntumwa, ariko ntiyari jewe, bwari ubuntu bw’Imana bwakorera muri jewe.


Mbega Apolo ni iki, canke Pawulo ni iki? Ni abakozi b’Imana basanzwe babafashije mu gushika ku kwizera nk’uko Imana yakoresheje umwe umwe wese muri bo.


Mbega ni nde yababwiye ko muruta abandi? Hari ico mufise mutahawe? None nimba mwaragihawe, ni kuki mwishira hejuru nk’aho mutagihawe?


Jewe Pawulo intumwa, ntatumwe n’abantu kandi bidaciye ku muntu n’umwe, ariko natumwe na Yesu Kristo n’Imana Data yamuzuye mu bapfuye,


Jewe Pawulo, intumwa ya Kristo Yesu, kubera ugushaka kw’Imana, Ndabandikiye mwebwe abera bo muri Efeso, abizigirwa ba Kristo Yesu:


Ni co gituma natowe nk’umuvuzi w’ubwo Butumwa nkongera nkaba intumwa, kugira ngo nigishe Abanyamahanga ivy’ukwizera n’ivy’ukuri. Mvuze ukuri sindengeje urugero.


Ingabire yose nziza kandi itunganye iva ku Mana Data, yaremye umuco wose wo mw’ijuru, kandi muri we ntihigera habaho guhindagurika kurya kw’igitutu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ