Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 3:26 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

26 Nuko baza aho Yohana ari bamubwira bati: “Rabi, wa muntu yari kumwe na we hakurya y’uruzi Yorodani, umwe washingira intahe, ariko arabatiza kandi abantu bose baja iyo ari.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

26 Baza aho Yohana ari, baramubgira, bati Mwigisha, uwo mwari kumwe hakurya ya Yorodani, umwe washingira intahe, erega na we arikw arabatiza, kandi bose baza kuri we.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 3:26
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Bakunda kuramutswa mu cubahiro mu makoraniro y’abantu, bagakunda ko babita Rabi risobanurwa ngo Mwigisha.


Ariko mwebwe, ntimukemere ko babita Rabi kuko mufise umwigisha umwe, namwe mukaba muvukana.


(Yohana yamushingiye intahe aho yasemerera ati: “Uwu ni we navugako igihe navuga nti: ‘Uwuje inyuma yanje aranduta cane kuko yariho jewe ntarabaho.’ ”)


aza gushingira intahe uwo muco kugira ngo bose bizere kubera intahe yiwe.


Umuco w’ukuri wakira umuntu wese wariko uraza mw’isi.


Nitwamureka akabandanya uku, abantu bose bazomwizera, maze Abaroma baze bigarurire urusengero rwacu n’igihugu cacu.”


Nuko Abafarisayo baravugana bati: “Murabona ko ata co turiko turashikako. Isi yose iriko iramukurikira!”


Umusi umwe aza kuraba Yesu mw’ijoro aramubwira ati: “Rabi, turazi ko uri umwigisha yavuye ku Mana, kuko nta muntu yoshobora gukora ibitangaza ukora, Imana itari kumwe na we.”


Nuko Yesu yumva ko Abafarisayo bamenye ko aronka kandi akabatiza abigishwa benshi kurusha Yohana.


Ariko Yesu ubwiwe si we yabatiza, ahubwo bari abigishwa biwe.


Muri ico gihe, abigishwa bariko baramwinginga bati: “Rabi, gira ico ufunguye.”


Mwatumye intumwa kuri Yohana, kandi intahe yanshingiye ni iy’ukuri.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ