Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 21:17 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Yesu amubaza ubugira gatatu Yesu ati: “Simoni mwene Yohana, mbega urankunda?” Petero aca arababara kuko Yesu amubajije ubugira gatatu ati: “Mbega urankunda?” Aramwishura ati: “Mwami, wewe uzi vyose, urazi ko ndagukunda.” Yesu aramubwira ati: “Gaburira intama zanje.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Amubaza ubugira gatatu, ati Simoni, mwene Yohana, mbeg’ urannogera? Petero arababara, kuko yamubajije ubugira gatatu ngo Mbeg’ urannogera? Aramwishura, ati Mugenzi, weho urazi vyose, urazi ko nkunogera. Yesu aramubgira, at’ Ahura intama zanje.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 21:17
40 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umwami azobishura ati: ‘Ndababwire ukuri, igihe cose mwabikoreye urya muntu muto muri aba bene Data, ni jewe mwabikoreye.’


Uwo mwanya nyene isake ica ibika ubugira kabiri. Nuko Petero na we aca aribuka ijambo Yesu yari yamubwiye ati: “Isake itarabika kabiri, uzoba umaze kunyihakana gatatu kose, uvuga ko utanzi.” Maze aca araturikisha ararira.


Aboro bo muzokwamana, ariko jewe ntimuzonyamana.”


Yesu aramwishura ati: “Gupfa unzira? Ndakubwire ukuri, isake itarabika, uzoba umaze kunyihakana gatatu kose.”


Nimwaba munkunda, nimushire mu ngiro amabwirizwa yanje.


Nimwakurikiza amabwirizwa yanje, muzoguma mu rukundo rwanje, nk’uko nanje nakurikije amabwirizwa ya Data nkaguma mu rukundo rwiwe.


Turatahuye ko uzi vyose, kandi ko bidakenewe ko umuntu akubaza ibibazo. Ivyo bitumye twizera ko waje uva ku Mana.”


Petero yongera kubihakana, maze uwo mwanya nyene isake ica irabika.


Maze, kuko Yesu yari azi ibigiye kumushikira, arabegera arababaza ati: “Murondera nde?”


Ndakubwire ukuri, ukiri muto wariyambika ukaja aho ushaka; ariko niwasaza, uzogorora amaboko yawe, uwundi muntu akwambike akujane aho udashaka kuja.”


Yesu aramubwira ati: “Genda uhamagare umugabo wawe uce ugaruka.”


Nuko barasenga, bavuga bati: “Ewe Mwami Imana, ni wewe uzi imitima y’abantu bose. None rero uwo utoranije muri aba babiri,


Ivyo biba incuro zitatu, ca gitambara gica gisubira kuduzwa mw’ijuru.


Imana, yoyo izi imitima y’abantu, yerekanye ko ibemeye mu kubaha Mpwemu Yera, nk’uko yamuduhaye.


Iki ni co twishimira: nk’uko umutima wacu ubishingira intahe, twigenjeje neza mw’isi, na canecane muri mwebwe, mu kwezwa no mu kuri biva ku Mana, turongowe n’ubuntu bw’Imana, atari ubwenge bw’abantu.


Kandi ntimukababaze Mpwemu Yera w’Imana, uwo mwahawe nk’ikidodo cemeza ko muri abiwe, ku bwa wa musi aho muzocungurirwa.


Ni co gituma mukwiye kunezerwa, kuko naho ubu mutegerezwa kwihanganira imibabaro y’uburyo bwinshi ariko y’akanya gato, mu nyuma hari umunezero mwinshi.


Bakundwa, iri ni ikete rya kabiri ndabandikiye. Muri ayo yose uko ari abiri, nagomba gukangura imitima yanyu ngo mwiyumvire neza ku vyo nabandikiye.


Nzokwica abana biwe bose. Aho ni ho amashengero yose azomenya ko ndi Imana isuzuma ivyanyegejwe mu mitima no mu vyiyumviro kandi ko nzoha umuntu wese impembo ikwiranye n’ivyo yakoze.


Uwo nkunda ndamukankamira, nkanamuhana. None rero, gira umwete, wihane.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ