Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 21:16 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Yesu yongera kubaza Petero ati: “Simoni mwene Yohana, urankunda?” Aramwishura ati: “Egome, Mwami, urazi ko ndagukunda.” Yesu aramubwira ati: “Ragira intama zanje.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Yongera kumubaza ubugira kabiri, ati Simoni, mwene Yohana, mbeg’ urankunda? Na we at’ Ego, Mugenzi, wewe urazi ko nkunogera. Aramubgira, ati Ragira intama zanje.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 21:16
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

‘Kandi wewe, Betelehemu mu ntara ya Yuda, nturi mutoya mu bisagara vya Yuda, kuko muri wewe hazokomoka umurongozi azoragira ubwoko bwanje bwa Isirayeli.’”


Amahanga yose azokoranira imbere yiwe, hanyuma arobanure abantu, nk’uko umwungere arobanura intama mu mpene.


Arongera arabihakana, ashirako n’indahiro ati: “Sindamuzi!”


Umwana w’Umuntu yazanywe no kurondera hamwe no gukiza abazimiye.”


Wa mukobwa arinda umuryango abaza Petero ati: “Ubwo wewe nturi umwe mu bigishwa b’uwu mugabo?” Petero aramwishura ati: “Oya sindi we.”


Ico gihe, Simoni Petero yari agihagaze ha handi yota umuriro. Nuko baramubaza bati: “Wewe utegerezwa kuba uri umwe mu bigishwa biwe!” Na we arabihakana ati: “Sindi we.”


Yesu amubaza ubugira gatatu Yesu ati: “Simoni mwene Yohana, mbega urankunda?” Petero aca arababara kuko Yesu amubajije ubugira gatatu ati: “Mbega urankunda?” Aramwishura ati: “Mwami, wewe uzi vyose, urazi ko ndagukunda.” Yesu aramubwira ati: “Gaburira intama zanje.


Nuko rero mwirinde mwebwe ubwanyu mwongere murinde n’ubusho Mpwemu Yera yabahaye ngo mububere abungere. Muragire ishengero ry’Imana, iryo yaguze amaraso y’umwana wayo.


Imana y’amahoro, yazuye Umwami wacu Yesu Kristo mu bapfuye, we mwungere mukuru w’intama yashizeho isezerano ridashira biciye mu maraso yiwe,


Kera mwari mumeze nk’intama zazimiye ariko ubu mwaragarutse ku mwungere w’ubugingo bwanyu.


mube abungere b’ubusho Imana yabajeje, muburagire ata gahato, ariko mufise umutima ubikunze, nk’uko Imana ishaka ko mubikora; mutarondera inyungu mbi, ariko nk’abakorera Imana nyene.


Kuko Umwagazi w’intama ari ku ngoma ari we azobabera umwungere, azobaha ku mazi y’ubugingo. ‘Kandi Imana izobahanagura amosozi yose ku maso yabo.’”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ