Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 21:15 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 Bahejeje gufungura, Yesu abwira Simoni Petero ati: “Simoni mwene Yohana, urankunda kurusha aba?” Petero aramwishura ati: “Egome, Mwami, urazi ko ndagukunda.” Yesu na we ati: “Gaburira imyagazi y’intama zanje.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Nuko barangije kurya, Yesu abaza Simoni Petero, ati Simoni, mwene Yohana, mbeg’ urankunda kurusha aba? Na we at’ Ego, Mugenzi, wewe urazi ko nkunogera. Aramubgira, at’ Ahura imyagazi y’intama zanje.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 21:15
49 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umuntu wese akunda se canke nyina akabandutisha ntankwiriye; uwukunda umuhungu wiwe canke umukobwa wiwe akamundutisha uwo na we nyene ntankwiriye.


Yesu aramwishura ati: “Uri umuhirwe, Simoni mwene Yona, kuko ivyo ntubihishuriwe n’umuntu buntu afise inyama n’amaraso gusa, ariko ni Data wo mw’ijuru abiguhishuriye.


Mwirinde ntimugakengere umuntu n’umwe muri aba bato, kuko ndababwira yuko abamarayika babo bama bahanze amaso Data wo mw’ijuru. [


Petero aramwishura ati: “Naho abandi bose boguta bagahunga, jewe sinzokwigera ndaguta.”


Ariko Petero arasubira avuga ati: “Sinshobora kukwihakana ngo sindakuzi naho vyonsaba gupfana nawe.” Mbere n’abandi bigishwa bavuga batyo.


Petero aramubwira ati: “Naho bose boguta bagahunga, jewe sinzoguta.”


Yewe busho buto, ntutinye kuko So wo mw’ijuru bimuhimbara kuguha Ubwami.


Ariko, wewe nagusengeye kugira ngo ntutakaze ukwizera, kandi niwamara kwihana ukangarukako uze ukomeze bene So.”


Maze aca amuzana aho Yesu ari. Nuko Yesu yihweza Petero, aramubwira ati: “Uri Simoni mwene Yohana, ariko ugiye kwitwa Kefa” (bisigura Petero).


Petero aramubwira ati: “Mwami, ni kuki ntogukurikira ubu? Nditeguye no gupfa ndakuzira!”


Oya, Data ubwiwe asanzwe abakunda kuko mwankunze, mukizera ko naje ntumwe n’Imana.


Yesu arababwira ati: “Nimuze mufungure.” Nta n’umwe muri ba bigishwa yubahutse kumubaza uwo ari we, kuko bari batahuye ko ari Umwami.


Wa mwigishwa Yesu yakunda abwira Petero ati: “Ni Umwami!” Simoni Petero yumvise ko ari Umwami, aca yambara impuzu yiwe yo hejuru (kuko yari yayikuye) asimbira mu mazi.


Yesu arababwira ati: “Iyo Imana ija kuba ari yo So, mwari kunkunda, kuko naje hano ntumwe na yo. Sinaje nirungitse, ni Imana yantumye.


Nuko rero mwirinde mwebwe ubwanyu mwongere murinde n’ubusho Mpwemu Yera yabahaye ngo mububere abungere. Muragire ishengero ry’Imana, iryo yaguze amaraso y’umwana wayo.


Ndazi ko ninamara kugenda hazokwaduka abigisha b’ibinyoma bameze nk’amabingira y’inkazi binjire muri mwebwe, kandi bazogirira nabi ubusho.


Mwakire mwene Data wundi atarakomera mu kwizera, ntimumucire urubanza ku vyo atarasobanukirwa neza.


Twebwe abakomeye mu kwizera dukwiye kwihanganira abadakomeye mu kwizera, ntiturondere ibitunezereza gusa.


Nuko rero, uwo mwene Data w’umunyantege nke Kristo yapfiriye, ntimumuranduze ugutahura kwanyu.


Kuko muri Kristo Yesu, ugukebwa canke ukudakebwa nta kimazi bifise. Igihambaye ni ukwizera gukorera mu rukundo.


Aho rero ni ho tutazosubira kumera nk’inzoya, ngo dukubebwe tujanwa hirya no hino n’imipfunda, twongera tuzungagizwa n’umuyaga uwo ari wo wose w’inyigisho z’ibinyoma n’amayeri vy’abantu bazimiza.


Ubuntu bube ku bakunda Umwami wacu Yesu Kristo hamwe n’urukundo rudahera.


Imana y’amahoro, yazuye Umwami wacu Yesu Kristo mu bapfuye, we mwungere mukuru w’intama yashizeho isezerano ridashira biciye mu maraso yiwe,


Nta kintu na kimwe mu vyaremwe kinyegejwe imbere y’Imana. Imbere yayo vyose vyambaye ubusa kandi biragaragara. Kandi twese izotubaza ivyo twakoze vyose.


Uwo Yesu muramukunda naho mutigeze mumubona, kandi muramwizera naho mutamubona. Ni co gituma mwuzuye umunezero amajambo adashobora gusobanura,


Mumere nk’abana bato b’inzoya, mwipfuze kandi murondere kunywa amata y’impwemu atavanze, kugira ngo abakuze mu gakiza,


Kera mwari mumeze nk’intama zazimiye ariko ubu mwaragarutse ku mwungere w’ubugingo bwanyu.


Twebwe dukunda kuko Imana yabanje kudukunda.


Umuntu wese yizera ko Yesu ari Kristo, uwo yavyawe n’Imana, kandi umuntu wese akunda uwo umuvyeyi, akunda n’abana biwe na bo.


Nzokwica abana biwe bose. Aho ni ho amashengero yose azomenya ko ndi Imana isuzuma ivyanyegejwe mu mitima no mu vyiyumviro kandi ko nzoha umuntu wese impembo ikwiranye n’ivyo yakoze.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ