10 Yesu arababwira ati: “Nimuzane zimwe muri izo muhejeje kuroba.”
10 Yesu arababgira, ati Ni muzane ifi ku zo muhejeje kuroba.
Bakizazaniwe kubera umunezero n’ugutangara kwinshi, arababaza ati: “Nta vyokurya mufise?”
Nuko Simoni Petero asubira mu bwato akwegera ku nkengera y’ikiyaga rwa rusenga rwuzuye ifi nininini, zishika ijana na mirongo itanu na zitatu. Ariko naho zari nyinshi, urusenga ntirwatabutse.
Nuko Yesu arabegera, abagaburira wa mukate, abaha n’ifi.
Bururutse ubwato babona umuriro w’amakara wokejeko ifi, babona n’imikate.
Yesu afata ya mikate, ayishimira Imana, ayiha abari bicaye aho. Na za fi azigenza uko. Abantu bararya barikura.
“Hano hariho umuhungu afise imikate y’ingano itanu n’ifi zibiri. Ariko vyomara iki ku bantu bangana uku?”