Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 20:27 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

27 Maze abwira Toma ati: “Koza urutoke rwawe hano, urabe ibiganza vyanje. Gorora ukuboko kwawe ukore mu rubavu rwanje. Reka gukekeranya niwizere.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

27 Maz’ abgira Toma, ati Zana hano urutoke rwawe, urābe ibiganza vyanje; zana n’urushi, urushire mu rubavu rwanje, nta co uba ūtizera, arik’ ube uwizeye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 20:27
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yesu yishura avuga ati: “Yemwe bantu b’iki gihe mutizera kandi mwononekaye mu mitima, nzobana namwe gushika ryari? Nzobihanganira kugeza ryari? Nzanira uwo mwana hano.”


Yesu yishura avuga ati: “Mwa bantu b’iki gihe, nta kwizera mufise! Mbega nkwiye kugumana namwe igihe kingana gute? Mbega nzobihanganira gushika ryari? Nimunzanire uwo mwana.”


Ehe nimurabe ibiganza n’ibirenge vyanje. Ni jewe nyene. Nimunkoreko maze mumenye ko ntari umuzimu, kuko umuzimu utagira inyama n’amagufa nk’ivyo mumbonana.”


Ahejeje kuvuga ivyo, abereka ibiganza n’ibirenge vyiwe.


Yesu aravuga ati: “Yemwe bantu b’iki gihe mutizera kandi mwononekaye mu mitima, nzobana namwe gushika ryari ndabihanganira? Zana uwo muhungu wawe hano.”


Ahejeje kuvuga ivyo, abereka ibiganza n’urubavu vyiwe. Abigishwa baranezerwa cane babonye Umwami.


Abandi bigishwa baramubwira bati: “Twabonye Umwami!” Ariko arababwira ati: “Ivyo sinshobora kuvyemera ntiboneye inkovu z’imisumari mu biganza, nkazikozako urutoke rwanje, ngashira n’ikiganza canje mu nkovu yo mu rubavu rwiwe.”


Toma aramubwira ati: “Mwami wanje, Mana yanje!”


Ivyagezwe vyatanzwe kugira ngo abantu bose bashobore kubona ingene ari abanyavyaha. Ariko uko abantu barushirije gucumura cane, ni ko n’ubuntu bw’Imana butangaje bwarushirije kuba bwinshi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ