Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 20:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Kare mu gitondo ku musi wa mbere w’indwi, mu bucagucagu, Mariya Magadalena yazindutse ku mva asanga ca kibuye cari cugaye imva cakuweho.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Ku wa mbere w’imisi ndwi mu gahuru, hatarabona, Mariya Magadalene aja ku mva, abona ikibuye gikūwe ku mva;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 20:1
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Muri bo harimwo Mariya Magadalena, Mariya nyina wa Yakobo na Yosefu, na nyina wa bene Zebedayo.


hanyuma agishira mu mva nshasha yari aherutse kwiyimbishiriza mu gitandara. Nuko aca atembagariza ikibuye kinini ku muryango w’iyo mva arayugara.


Turagusavye rero utange itegeko ryo gucunga imva yiwe kugeza ku musi ugira gatatu. Ivyo bizotuma abigishwa biwe bataza kwiba ikiziga ciwe, hanyuma bakabwira abantu ko yazutse mu bapfuye. Bibaye uko ububeshi bwiwe bwa nyuma bwoba bubi kurusha ubwa mbere.”


Baca baragenda bashira ikimenyetso ku kibuye cugaye imva, hanyuma bashiraho abasoda bo kuyicunga.


Umusi w’Isabato urangiye, mu mutwenzi w’umusi wa mbere utangura indwi, Mariya Magadalena na Mariya wundi baja kuraba imva ya Yesu.


Ubwo nyene, haca haba ukunyiganyiga gukomeye kw’isi, kuko umumarayika w’Umwami Imana yamanutse avuye mw’ijuru, agatembagaza ca kibuye cugaye imva ya Yesu akacicarako.


Maze Yosefu aca agura igitambara cera, akura ikiziga ca Yesu ku musaraba, akizingira muri ico gitambara cera, aca agishira mu mva yimbwe mu gitandara; aca atembagariza ikibuye kinini ku bwinjiriro bwa ya mva arayugara.


Yesu amaze kuzuka, mu gatondo ku musi wa mbere w’indwi, yabanje kwiyereka Mariya Magadalena, uwo yari yarirukanyemwo abadayimoni indwi.


Nuko Yesu ashika ku mva akibabaye. Iyo mva yari isenga ryugaje ikibuye kinini.


Nuko bakuraho ca kibuye. Maze Yesu arangamiza hejuru aravuga ati: “Data, ndagushimiye kuko unyumva iyo nsenga.


Hafi y’umusaraba wa Yesu, hari hahagaze nyina, nyinabo, Mariya muka Kilopa na Mariya Magadalena.


Haheze indwi, abigishwa ba Yesu basubira gukoranira hamwe mu nzu, kandi na Toma yari kumwe na bo. Imiryango y’inzu yari yugaye, ariko Yesu araza ahagarara hagati yabo, arababwira ati: “Amahoro abane namwe!”


Ku mugoroba w’umusi w’Isabato duhurira hamwe ngo dusangire ingaburo y’Umwami, hanyuma Pawulo arabigisha gushika mu gicugu kuko bwaca agenda.


Ku musi wa mbere w’indwi, umwe wese muri mwebwe arabika amahera ku yo yungutse. Ntimuzorindire ko nshika hiyo hanyuma ngo muce muyatoreza rimwe.


Maze ku musi w’Umwami Imana, ndi muri Mpwemu, numva ijwi rivugira inyuma yanje rimeze nk’iry’inzamba isamirana,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ