Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 19:30 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

30 Yesu amaze kwumviriza kuri ya nkarisha, aravuga ati: “Birarangiye.” Nuko ajondamika umutwe aracikana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

30 Yesu amaze kuyihabga, aravuga, ati Birarangiye. Araheza ajondamika umutwe, umutima uraca.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 19:30
28 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

kuko n’Umwana w’Umuntu ntiyazanywe no gukorerwa, ahubwo yazanwe no gukorera abandi no gutanga ubuzima bwiwe ngo bube incungu ya benshi.”


Yesu yongera gusemerera n’ijwi rirenga, hanyuma aracikana.


Yesu aramwishura ati: “Reka tubikore gutyo, kuko bikwiye ko dushitsa ibigororotse.” Yohana aca yemera kumubatiza.


Ndababwire, iri jambo ryavugishijwe kuri jewe ngo: ‘Yafashwe nk’umwe mu bagarariji,’ ritegerezwa gushika. Ni ukuri, ivyanditswe kuri jewe bigira bishike.”


Yesu aca arasemerera n’ijwi rirenga ati: “Data, mu biganza vyawe ni ho nshize impwemu yanje.” Ahejeje kuvuga ivyo, aca aracikana.


Jewe ndi umwungere mwiza. Umwungere mwiza yitangira intama ziwe.


Nta muntu n’umwe ashobora kubunyaka, ndabutanga ari uko ndabishatse. Mfise ubushobozi bwo kubutanga n’ubwo kubwakira gushasha. Iki ni co Data yantegetse gukora.”


Naguhesheje icubahiro hano kw’isi mu kurangiza igikorwa wampaye.


Inyuma y’ivyo, Yesu amenye ko vyose birangiye, kandi kugira ngo Ivyanditswe bishike, aravuga ati: “Ndanyotewe.”


Yesu arababwira ati: “Ivyokurya vyanje ni ugukora ivyo uwantumye agomba, no guheraheza igikorwa ciwe.


Mu vy’ukuri Kristo yashikije intumbero ivyagezwe vyari vyarashiriweho. Ni co gituma umuntu wese amwizeye aca yemerwa n’Imana nk’umugororotsi.


Imana yamutanze kugira ngo abe ikimazi, atange amaraso yiwe abe impongano y’ivyaha vy’uwo wese yemeye kumwizera. Imana yabikoze gutyo kugira ngo yerekane ukugororoka kwayo, kuko yihanganiye abantu ntiyabahanira ibigabitanyo bakoze muri kahise.


Nimukure rero muri mwebwe umwambiro wa kera, kugira ngo mube igikandu kitagira umwambiro. Mu vy’ukuri ni co muri, kuko Kristo, umwagazi w’intama wa Pasika, yatanzwe nk’ikimazi ku bwacu.


Kandi amaze kuboneka mw’ishusho y’umuntu, yicisha bugufi, aragamburuka gushika no ku rupfu, mbere urupfu rwo ku musaraba.


Duhange amaso Yesu Kristo, we yatanguje ukwizera kwacu akaba ari na we agushitsa ku gutungana. Umunezero yashizwe imbere ni wo watumye yihanganira umusaraba n’isoni zawo. Ubu yicaye mu kibanza c’iteka i buryo bw’intebe y’inganji y’Imana.


Mu bisanzwe, ivyagezwe vya Mose vyasaba ko ibintu nka vyose vyozwa n’amaraso. Kuko ata guharirwa ivyaha gushobora kubaho, ata maraso asesetse.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ