Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 19:20 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

20 Abayuda benshi barasomye ico candiko, kuko aho Yesu yari abambwe hari hegereye igisagara, kandi ico candiko cari canditswe mu Giheburayo, mu Kilatini no mu Kigiriki.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 Benshi mu Bayuda bāsoma ico candiko, kukw aho hantu Yesu yabambge hari hafi y’igisagara; kandi cari canditswe mu Giheburayo no mu Kiroma no mu Kigiriki.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 19:20
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Baca bamanika icandiko hejuru yiwe kivuga ngo: uwu ni umwami w’abayuda.


Pilato yumvise ayo majambo, asohora Yesu, yicara ku ntebe y’imanza, ahantu hitwa Umusezero w’Amabuye (mu rurimi rw’Igiheburayo hitwa Gabata).


Kubera wari umusi wo kwitegurira Isabato y’Abayuda, kandi iyo mva ikaba yari hafi, Yosefu na Nikodemu baciye baryamika ikiziga ca Yesu muri iyo mva.


Aho i Yerusalemu, hafi y’irembo ry’intama, hari ikidengeri citwa Betesida mu rurimi rw’Igiheburayo, cari gikikujwe n’amabaraza atanu.


Abasoda bashikanye Pawulo mw’ikambi, abaza wa mukuru w’abasoda ati: “Noshobora kugira ico ndababaza?” Na we aramwishura ati: “Urazi Ikigiriki?


Wa mukuru w’abasoda yemerera Pawulo, na we ahagarara ku ngazi, arabamama ngo batekane. Habaye agacerere, aca avugana na bo mu rurimi rwabo rw’Igiheburayo.


Bumvise avugana na bo mu Giheburayo, baca barahora, haba agacerere kenshi. Pawulo aca arabandanya ati:


Twese duca tugwa hasi, maze numva ijwi rimbarira mu Giheburayo riti: ‘Sawuli, Sawuli, uriko umpamira iki? Nta wukubita umugere ku muhunda.’


Ni co gituma na Yesu yababarijwe kandi agapfira inyuma y’igisagara kugira ngo ashikane abantu biwe ku kwera akoresheje amaraso yiwe.


Maze zica zikoraniriza ba bami mu kibanza citwa Haramagedoni mu rurimi rw’Igiheburayo.


Umwami wazo yari umumarayika w’i kuzimu, izina ryiwe mu Giheburayo ni Abadoni, mu Kigiriki ni Apoluwoni, bisigura Umuranduzi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ