Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 18:8 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Na we abishura ati: “Nababwiye ko ari jewe. Nimba ari jewe murondera, nimureke aba turi kumwe bigire.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Yesu arabishura, ati Mbabgiye kw ari jewe: asangw’ ari jewe murondera, mureke aba, bīgīre.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 18:8
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko, ibi vyose bibaye kugira ngo Ivyanditswe n’abavugishwa n’Imana bishike.” Ubwo nyene abigishwa biwe bose baramuta barahunga.


Nanje ndaziha ubugingo budashira, kandi ntizizokwigera zipfa. Nta n’umwe ashobora kuzinkura mu kuboko.


Buca ari Umusi mukuru wa Pasika, Yesu yari azi ko igihe ciwe co kuva mw’isi ngo asubire kwa Se cashitse. Yari yarakunze abiwe bari mw’isi, kandi yarabakunze gushika ku mwanya wa nyuma.


Simoni Petero aramubaza ati: “Mwami, ugiye kuja he?” Yesu aramwishura ati: “Ntushobora kunkurikira aho ngiye, ariko uzonkurikira hanyuma.”


Igihe kiri hafi kandi kirashitse, aho mugiye gushwiragira, umwe wese afate inzira yiwe, munsige jenyene. Ariko sindi jenyene kuko Data ari kumwe nanje.


Yesu yongera arababaza ati: “Murondera nde?” Baramwishura bati: “Yesu w’i Nazareti.”


Ivyo yabikoze kugira ngo ashitse ico yari yavuze, aho yavuga ati: “Sinazimije n’umwe mu bo wampaye.”


Nta kibagerageza cabashikiye kidashikira abandi. Kandi Imana ni iyo kwizigirwa, ntizobareka ngo mugeragezwe n’ivyo mudashobora kwihanganira. Mu gihe co kugeragezwa, izobacira inzira kugira ngo mushobore kuvyihanganira.


ariko anyishura ati: “Ubuntu bwanje buraguhaje, kuko ubushobozi bwanje bukorera muri wewe cane iyo uri mu ntege nke.” Ni co gituma nirata cane intege nke zanje, kugira ngo ubushobozi bwa Kristo bugume kuri jewe.


Bagabo, mukunde abagore banyu, nk’uko Kristo yakunze ishengero akaryigura


Muyikorere ingorane zanyu zose kuko irabitayeho.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ