Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 18:33 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

33 Nuko Pilato asubira ku kirimba, ahamagara Yesu, aramubaza ati: “Uri Umwami w’Abayuda?”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

33 Nuko Pilato asubira mw iboma, ahamagaza Yesu, aramubaza, ati Ni wewe Mwami w’Abayuda?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 18:33
25 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko Yesu arengutswa imbere ya Pilato, umutware w’Umuroma, na we aramubaza ati: “Uri umwami w’Abayuda?” Yesu aramwishura ati: “Uvuze ukuri, ndi we.”


Abasoda ba Pilato batwara Yesu aho umutware w’Umuroma yakorera, hanyuma begeranya abandi basoda bagize umugwi wabo.


Pilato aramubaza ati: “Woba uri umwami w’Abayuda?” Yesu aramwishura ati: “Uvuze ukuri, ndi we.”


batangura kumurega bavuga bati: “Uwu muntu twasanze ariko aragumura abantu bo mu bwoko bwacu, ababuza gutanga ikori rya Kayisari, kandi yigira Kristo, umwami.”


Natanayeli aca aravuga ati: “Rabi, uri Umwana w’Imana, uri Umwami wa Isirayeli.”


Maze baca amashami y’ibigazi, baja kumusanganira basemerera bati: “Hozana!” “Hahezagirwe uwuje mw’izina ry’Uhoraho!” “Hahezagirwe Umwami wa Isirayeli.”


“Ntutinye, Mukobwa w’i Siyoni; raba, umwami wawe araje, yicaye ku nyana y’indogoba.”


Yesu aramubaza ati: “Ibi ubibajije bivuye muri wewe canke ni ivyo wumvise abandi bamvugako?”


Pilato aramubwira ati: “Urumva rero uri Umwami!” Yesu aramwishura ati: “Uvuze ukuri, ndi Umwami. Icatumye mvuka nkaza kw’isi kwari ukugira ngo nshingire intahe ukuri. Umuntu wese akunda ukuri aranyumviriza.”


Pilato aramubaza ati: “Ukuri ni iki?” Ahejeje kuvuga ivyo, aca arasohoka aja aho Abayuda bari bakoraniye, ababwira ati: “Nta kintu na kimwe kimwagira.


Kuva ako kanya, Pilato agerageza kurekura Yesu, ariko abakuru b’Abayuda babandanya basemerera bati: “Niwarekura uwo muntu, ntuzoba ukiri umugenzi wa Kayisari. Umuntu wese yiyita umwami aba agararije Kayisari.”


bamwegera kenshi bavuga bati: “Turagize bwakeye, mwami w’Abayuda!” Bongera bamukubita mu maso.


Pilato yongera gusohoka abwira Abayuda bari bakoraniye aho ati: “Ngira ndamusohore ndamubazanire, ariko mumenye ko ata kibi na kimwe nasanze kimwagira.”


Aca asubiza Yesu mu kirimba, aramubaza ati: “Uri uwa he?” Ariko Yesu ntiyagira ico amwishura.


Kandi ndakwinginze imbere y’Imana, yo itanga ubuzima kuri bose, n’imbere ya Kristo Yesu yashinze intahe nziza imbere ya Pontiyo Pilato,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ