Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 18:30 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

30 Baramwishura bati: “Ntitwari kumukuzanira ata kimwagira.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

30 Baramwishura, bat’ Ugira ng’ uyu, iyaba atākoze ibibi tuba tumukuzaniye?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 18:30
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Arababwira ati: “Ehe tuduze i Yerusalemu, aho Umwana w’Umuntu azotangwa agahabwa abakuru b’abaherezi n’abigisha b’ivyagezwe. Bazomucira urubanza rwo gupfa hanyuma bamushikirize Abanyamahanga,


Maze abakuru b’abaherezi bamurega ibirego vyinshi.


ati: ‘Umwana w’Umuntu azotabwa mu maboko y’abanyavyaha, bamubambe ku musaraba. Ariko ku musi ugira gatatu azozuka mu bapfuye.’  ”


Nuko Pilato arasohoka aja aho bari, arababaza ati: “Uwu muntu mumwagiriza iki?”


Pilato arababwira ati: “Nimumujane mwebwe nyene mumucire urubanza mukurikije amategeko yanyu.” Baramwishura bati: “Ntitwemerewe gucira umuntu urubanza rwo gupfa.”


Kuva ako kanya, Pilato agerageza kurekura Yesu, ariko abakuru b’Abayuda babandanya basemerera bati: “Niwarekura uwo muntu, ntuzoba ukiri umugenzi wa Kayisari. Umuntu wese yiyita umwami aba agararije Kayisari.”


Imana ya Aburahamu, ya Isaka n’iya Yakobo, Imana ya ba sogokuruza, ni yo ishimagije umusavyi wayo Yesu, uwo mwatanze ngo yicwe, mukamwihakana imbere ya Pilato, naho we yari yahisemwo kumurekura.


gushika aho mbohwa nk’umwicanyi. Ariko ijambo ry’Imana ryo ntiribohwa.


Ntihakagire n’umwe muri mwebwe ababazwa ahorwa kuba umwicanyi, umusuma, guteza imigumuko, canke kwita mu vyo atajejwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ