27 Petero yongera kubihakana, maze uwo mwanya nyene isake ica irabika.
27 Maze Petero yongera kubihakana, ako kanya inkoko ica irabika.
Yesu aramwishura ati: “Ndakubwire ukuri, iri joro nyene, isake itarabika, uzoba umaze kunyihakana gatatu kose.”
Yesu aramwishura ati: “Ndakubwire ukuri, iri joro nyene, imbere yuko isake ibika kabiri, uzoba umaze kunyihakana gatatu kose.”
Ariko Petero arabihakana ati: “Sinzi kandi sintahura ivyo uriko uravuga!” Nuko aca ava mu rugo aja kw’irembo.
Yesu aramubwira ati: “Petero, ndakubwire ukuri, isake itarabika uzoba umaze kunyihakana gatatu kose uvuga ko utanzi.”
Ariko arabihakana, abwira uwo mugore ati: “Haba na mba, sindanamuzi!”
Yesu aramwishura ati: “Gupfa unzira? Ndakubwire ukuri, isake itarabika, uzoba umaze kunyihakana gatatu kose.”