Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 18:20 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

20 Yesu aramubwira ati: “Imisi yose navuganye n’abantu bose ku mugaragaro. Nigishirije mu masinagogi no mu rusengero, aho abantu bakoranira. Nta kintu na kimwe navuze ninyegeje.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 Yesu aramwishura, ati Nabarira ab’ isi mvyeruye, nahora nigishiriza mu masinagogi no mu rusengero ah’ Abayuda bose bakoranira, nta co navugiye mu mpisho.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 18:20
25 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nihagira uwubabwira, ati: ‘Erega, Kristo ari mu bugaragwa,’ ntimuze muje kumuronderayo. Canke bati: ‘Raba ari hano mu vyumba,’ ntimuze muvyemere.


Hanyuma Yesu abwira ba bantu benshi baje kumufata ati: “Mbega mbaye umugumutsi, aho muza kumfata mwitwaje inkota n’amahiri? Ni kuki mutamfatiye mu rusengero kandi ari ho nama imisi yose nigisha?


Maze umuherezi mukuru yitaburirako impuzu ziwe, avuga ati: “Aratutse Imana! None hari ibindi vyabona dukeneye? Ubu na ho ntimwiyumviye ingene atutse Imana?


Ico gihe Yesu agendagenda mu ntara yose ya Galilaya yigishiriza mu masinagogi yaho, avuga Ubutumwa Bwiza bw’Ubwami, akiza abantu ingwara zose n’ubumuga bwose.


Hanyuma Yesu agendagenda mu bisagara vyose no mu mihana yose yigisha mu masinagogi yabo, avuga Ubutumwa Bwiza bw’Ubwami, akiza ubumuga bwose n’ingwara zose.


Ivyo yabivuga mu majambo atomoye. Hanyuma Petero amujana hirya gato atangura kumwamira ngo ntasubire kuvuga ivyo bintu.


Imisi yose Yesu yama yigishiriza mu rusengero, ku mugoroba akava mu gisagara akaja kurara ku Musozi wa Elayono,


Yama yigisha mu masinagogi kandi agashimwa n’abantu bose.


Ni kuki munsambisha? Nimubaze abanyumvirije; barazi ivyo navuze.”


Yesu yavuze ivyo ariko arigishiriza mw’isinagogi i Kaperinawumu.


Umusi ugeze hagati, Yesu yinjira mu rusengero atangura kwigisha.


Raba, ariko aravuga ku mugaragaro, kandi nta co bamugize. None abakuru boba bemeye vy’ukuri ko ari we Kristo?


Yesu akiriko arigisha mu rusengero arasemerera ati: “Ni vyo muranzi, kandi murazi aho mva. Yamara sinaje mu bushobozi bwanje. Uwantumye ni umunyakuri, kandi ntimumuzi.


Nta muntu arondera kumenyekana hanyuma ngo akore yinyegeje. Ko uriko urakora ibikorwa nk’ibi, niwiyereke isi!”


Kare mu gitondo c’umusi ukurikira asubira mu rusengero, maze abantu bakoranira aho ari, na we aricara arabigisha.


Mfise vyinshi nobavugako kandi mfise vyinshi vyobatsindisha. Ariko mbwira ab’isi ivyo numvise uwantumye avuga gusa, kandi avuga ukuri.”


Ibi umwami asanzwe abizi. Ibi ndiko ndabivuga nshize ubwoba kuko ndazi ko na we nyene abizi, kuko ntivyakorewe mu kinyegero.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ