Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 18:17 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Wa mukobwa arinda umuryango abaza Petero ati: “Ubwo wewe nturi umwe mu bigishwa b’uwu mugabo?” Petero aramwishura ati: “Oya sindi we.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Maz’ iyo ncoreke ikumīra ibaza Petero, iti Mbega nawe uri mu bigishwa b’uyo muntu? Petero at’ Oya, sindimwo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 18:17
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Petero aramwishura ati: “Naho abandi bose boguta bagahunga, jewe sinzokwigera ndaguta.”


Nuko baramufata bamutwara mu rugo rw’umuherezi mukuru. Petero na we arabakurikira agendera kure inyuma yabo.


ariko Petero we asigara hanze. Maze wa mwigishwa yari azwi n’umuherezi mukuru aragaruka avugana n’umukobwa yarinda umuryango, na we yemerera Petero kwinjira.


Ico gihe, Simoni Petero yari agihagaze ha handi yota umuriro. Nuko baramubaza bati: “Wewe utegerezwa kuba uri umwe mu bigishwa biwe!” Na we arabihakana ati: “Sindi we.”


Baramwishura bati: “Yesu w’i Nazareti.” Na we ababwira ati: “Ni jewe.” (Kandi Yuda, uwagira amugurishe, yari ahagararanye na bo.)


Na we abishura ati: “Nababwiye ko ari jewe. Nimba ari jewe murondera, nimureke aba turi kumwe bigire.”


Bahejeje gufungura, Yesu abwira Simoni Petero ati: “Simoni mwene Yohana, urankunda kurusha aba?” Petero aramwishura ati: “Egome, Mwami, urazi ko ndagukunda.” Yesu na we ati: “Gaburira imyagazi y’intama zanje.”


Petero aradodora ku rugi rwo kw’irembo, umukobwa w’umuguranokazi yitwa Roda aca aza kuraba uwudodoye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ