Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 18:11 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Yesu aca abwira Petero ati: “Subiza inkota mu rwubati. Mbega sinkwiye kunywa ku gikombe c’umubabaro Data yampaye?”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Maze Yesu abarira Petero, ati Subiza inkota mu rwubati: mbeg’ igikombe Data yampaye ndeke kukinywa?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 18:11
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yesu arabishura ati: “Ntimuzi ico muriko murasaba. Mbega mwoshobora kunywa ku gikombe c’imibabaro ngiye kunywako?” Baramwishura bati: “Egome twobishobora.”


Nuko yigira imbere, yubama hasi arasenga ati: “Data, nimba bishoboka, ndakwinginze unkure imbere iki gikombe c’imibabaro. Ariko, ntibibe nk’uko jewe ngomba, yamara bibe uko wewe ugomba.”


Asubirayo ubugira kabiri arasenga ati: “Data, nimba bidakunda ko iki gikombe c’imibabaro kimva imbere ntakinyoyeko, ivyo ushaka nibibe.”


Kuko n’abantu bo mu mahanga yose yo kw’isi na bo ivyo ni vyo birukira ubudahumeka, ariko mweho So wo mw’ijuru arazi ko ivyo vyose mubikeneye.


“Data, ubigomvye, ndakwinginze unkure imbere iki gikombe c’imibabaro. Ariko ntibibe nk’uko jewe ngomba, yamara bibe uko wewe ugomba.”


Nimwakurikiza amabwirizwa yanje, muzoguma mu rukundo rwanje, nk’uko nanje nakurikije amabwirizwa ya Data nkaguma mu rukundo rwiwe.


Data, ndashaka ko abo wampaye babana nanje aho ndi, kugira ngo babone ubwiza bwanje, bumwe wampa, kuko wankunze isi itararemwa.


Yesu aramubwira ati: “Ubwami bwanje si ubwo muri iyi si. Iyo buba ubwo muri iyi si, abayoboke banje bari kungwanira bakabuza abakuru b’Abayuda kumfata. Ariko Ubwami bwanje si ubwo muri iyi si.”


Yesu aramubwira ati: “Ntumfatire, kuko ntaraja kwa Data. Ahubwo genda ubwire bene Data ko mvuze nti: ‘Ngiye kuduga kwa Data ari we So, Imana yanje ari yo Mana yanyu.’ ”


Ibigwanisho tugwanisha ntibimeze nk’ibigwanisho vy’iyi si. Ahubwo dufise ibigwanisho bifise ubushobozi buva ku Mana, bushobora gusambura ivyigize ibinani, no gusambura ivyiyumviro bibi.


Twigisha Ijambo ry’Imana mu bwizigirwa no mu kuri kwaryo, kandi ubushobozi bw’Imana bukorera muri twebwe. Twitwaje ibigwanisho vy’ukugororoka mu kuryo no mu kubamfu.


Duhange amaso Yesu Kristo, we yatanguje ukwizera kwacu akaba ari na we agushitsa ku gutungana. Umunezero yashizwe imbere ni wo watumye yihanganira umusaraba n’isoni zawo. Ubu yicaye mu kibanza c’iteka i buryo bw’intebe y’inganji y’Imana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ