18 Nk’uko wantumye mw’isi, nanje ndabatumye mw’isi.
18 Nk’uko wantumye mw isi, ni ko nanje nabatumye mw isi:
Abo cumi na babiri Yesu arabarungika, ababwiye ati: “Ntimuje mu Banyamahanga canke ngo mwinjire mu bisagara vy’i Samariya.
Ehe ngira ndabarungikire abavugishwa, abanyabwenge hamwe n’abigisha b’ivyagezwe b’ukuri. Bamwe muzobica, abandi mubabambe, abandi mubatonagurire mu masinagogi yanyu, hanyuma mubatoteze bave mu gisagara baja mu kindi.
Ndabasengeye ngo bose babe umwe; nk’uko wewe Data uri muri jewe nanje nkaba muri wewe, nibabe umwe muri twebwe, kugira ngo isi yizere ko wantumye.
jewe mbe muri bo, nawe ube muri jewe, aho ni ho bazoba umwe vy’ukuri, kugira ngo isi imenye ko wantumye kandi ko ubakunda nk’uko unkunda.
Data ugororotse, naho isi itakuzi, jewe ndakuzi, kandi aba barazi ko ari wewe wantumye.
Ubu ni bwo bugingo budashira: ko bakumenya wewe, Imana y’ukuri yonyene, na Yesu Kristo, uwo watumye.
kuko nabahaye amajambo wampaye kandi barayakira. Bamenye badakekeranya ko naje mva iwawe kandi bizeye ko ari wewe wantumye.
Yesu yongera kubabwira ati: “Amahoro abane namwe! Nk’uko Data yantumye, ni ko nanje ndabatumye.”
Erega Imana ntiyatumye Umwana wayo kw’isi gucira urubanza abari kw’isi, ahubwo yamutumye kugira ngo ibakize biciye muri we.
Nabarungitse kwimbura aho mutabiriye akuya. Abandi baracumukuye, none ni mwebwe mwironkeye inyungu mu buruhe bwabo.”
None rero turi ivyariho vya Kristo, Imana iriko ibingingira muri twebwe. Natwe turabinginga mu gishingo ca Kristo ngo mwuzure n’Imana.
Ku bw’ubuntu bwayo n’ubushobozi bwayo bwinshi, naratewe iteka ryo kuba umukozi w’ubwo Butumwa Bwiza ngo ndabukwize hose.