15 Sindagusavye ngo ubakure mw’isi, ariko ndagusavye ngo ubarinde wa mubi.
15 Singusaba ng’ ubakūre mw isi, ariko ng’ ubarinde wa Mubi.
Muvuge ngo ‘ego’ iyo ari ego canke ‘oya’ iyo ari oya, ibindi vyose wongerako biba bivuye kuri wa mubi.
Ntudutererane ibitugerageza, uhubwo udukize wa mubi. [Kuko Ubwami, ubushobozi n’ubwiza ari ivyawe ibihe vyose. Amen.]
Uduharire ivyaha vyacu, kuko natwe duharira umuntu wese aducumuyeko. Ntudutererane ibitugerageza.’ ”
Ariko, wewe nagusengeye kugira ngo ntutakaze ukwizera, kandi niwamara kwihana ukangarukako uze ukomeze bene So.”
Uwo Kristo ni we yatanze ubugingo bwiwe ku bw’ivyaha vyacu, nk’uko Imana Data wa twese yari yarabigomvye, kugira ngo adukize iki gihe kibi turimwo.
Ariko Umwami ni umwizigirwa, azobakomeza yongere abarinde wa mubi.
Ubu ndindiriye umudari wo kugororoka, uwo Umwami Imana, we mucamanza agororotse, azompa kuri uwo musi. Kandi ntazowuha jewe jenyene, azowuha n’abarindiranye igishika uguhishurwa kwiwe.
Turazi ko ata muntu yavyawe n’Imana abandanya gukora icaha, kuko Umwana w’Imana aramurinda, kandi wa mubi nta co ashobora kumukorako.
Turazi ko turi abana b’Imana, kandi ko isi yose iri musi y’ububasha bwa wa mubi.