9 Ab’isi barihenda ku vy’icaha kuko banse kunyizera;
9 ivy’ icaha, kuko batānyizeye,
Uwizera wese akabatizwa azokizwa, ariko uwutizera azocirwa urubanza.
Uwo niyaza, azokwemeza abantu b’iyi si ivy’icaha, ukugororoka hamwe n’urubanza.
Kera ivyagezwe bitaraza nari muzima. Hanyuma menye ico amabwirizwa avuga icaha gica kiba kizima nanje ndapfa.
Naho nabanje kumuvugako ibibi, ngahama ishengero, nkaba umucokoranyi, naragiriwe imbabazi kuko nabikora mu kutamenya, no mu kutizera.
Nuko rero bene Data, mwirinde kugira ngo ntihagire n’umwe muri mwebwe agira umutima mubi utizera ngo bitume ava ku Mana nzima.