Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 16:27 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

27 Oya, Data ubwiwe asanzwe abakunda kuko mwankunze, mukizera ko naje ntumwe n’Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

27 Kuko Data na we ubgiwe abakunda, kuko mwankunze kandi mwizeye ko naturutse ku Mana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 16:27
26 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umuntu wese akunda se canke nyina akabandutisha ntankwiriye; uwukunda umuhungu wiwe canke umukobwa wiwe akamundutisha uwo na we nyene ntankwiriye.


Umuntu wese yakira amabwirizwa yanje akayashira mu ngiro, ni we ankunda. Kandi uwunkunda Data azomukunda. Nanje nzomukunda ndanamwiyereke.”


Yesu aramwishura ati: “Uwunkunda azoshira mu ngiro inyigisho zanje. Data azomukunda, kandi twe na Data tuzoza tubane na we.


Turatahuye ko uzi vyose, kandi ko bidakenewe ko umuntu akubaza ibibazo. Ivyo bitumye twizera ko waje uva ku Mana.”


jewe mbe muri bo, nawe ube muri jewe, aho ni ho bazoba umwe vy’ukuri, kugira ngo isi imenye ko wantumye kandi ko ubakunda nk’uko unkunda.


Iki ni co gitangaza ca mbere Yesu yakoze, akaba yagikoreye i Kana mu ntara ya Galilaya. Uko ni ko Yesu yerekanye icubahiro ciwe, maze abigishwa biwe baramwizera.


Nta n’umwe arigera aduga mw’ijuru, kiretse Umwana w’Umuntu yamanutse avayo.


Ariko jewe ndamuzi kuko mva iwe kandi ni we yantumye.”


Yesu arababwira ati: “Iyo Imana ija kuba ari yo So, mwari kunkunda, kuko naje hano ntumwe na yo. Sinaje nirungitse, ni Imana yantumye.


Ivyagezwe vya Mose ntivyashobora gukora ivyo, kubera intege nke za kamere kacu k’icaha. Ico ivyagezwe bitashoboye gukora, Imana yagikoze mu gutuma Umwana wayo, yaje afise umubiri nk’uw’umunyavyaha kugira ngo abe ikimazi c’ivyaha. Kandi muri uwo mubiri, Imana irangiza ububasha icaha cari kidufiseko mu kuwutanga nk’ikimazi c’ivyaha vyacu; gutyo icira urubanza icaha mu mubiri.


Umuntu wa mbere, ari we Adamu, yavuye mw’ivu, uwo hanyuma, ni we Kristo, yavuye mw’ijuru.


Nimba hariho uwudakunda Umwami, uwo aravumwe. Kaze Mwami!


Kuko urukundo rwa Kristo ruratugobera. Kandi kubera tuzi ko Kristo yapfiriye bose, twese twarapfuye kuri kamere muntu kacu ka kera.


Maze igihe gikwiye kigeze, Imana irungika Umwana wayo, avyagwa n’umugore, avukira mu vyagezwe,


Ubuntu bube ku bakunda Umwami wacu Yesu Kristo hamwe n’urukundo rudahera.


Iri jambo ni iryo kwizigirwa, rikwiye kwakirwa n’abantu bose, rivuga ngo: Kristo Yesu yazanywe kw’isi no gukiza abanyavyaha, muri abo ndi agahebuza.


kuko Uhoraho aha indero abo akunda, kandi ahana abo yemera ko ari abana biwe.”


Uwo Yesu muramukunda naho mutigeze mumubona, kandi muramwizera naho mutamubona. Ni co gituma mwuzuye umunezero amajambo adashobora gusobanura,


Twebwe dukunda kuko Imana yabanje kudukunda.


Uwo nkunda ndamukankamira, nkanamuhana. None rero, gira umwete, wihane.


Ehe, nzozana abo mw’isinagogi rya Satani biyita Abayuda kandi atari bo, bapfukame imbere yawe, bamenye ko ndagukunda.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ