Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 16:23 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

23 Uwo musi, nta kibazo na kimwe muzosubira kumbaza. Ndababwire ukuri, ico muzosaba Data cose mw’izina ryanje azokibaha.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Kur’ uwo musi nta na kimwe muzombaza. N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ni hagira ico musaba Data cose azokibaha mw izina ryanje.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 16:23
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nimwizera, ico muzosaba cose mu gusenga muzogihabwa.”


Musabe muzohabwa; murondere muzoronka; mudodore muzokwugururirwa.


Uwo musi niwashika, muzotahura ko ndi muri Data, kandi ko namwe muri muri jewe, nanje nkaba muri mwebwe.


Nuko Yuda (atari Isikariyote) aramubaza ati: “Mwami, ni kuki ushaka kwihishurira twebwe, aho kwihishurira isi?”


Toma aramubaza ati: “Mwami, ntituzi iyo ugiye kuja, none twomenya inzira ijayo gute?”


Nimwaguma muri jewe, amajambo yanje akaguma muri mwebwe, muze musabe ico mushaka cose, kandi muzogihabwa.


Nuko Yesu abonye ko bafise ico bashaka kumubaza, arababwira ati: “Muriko mubazanya ico nashatse kuvuga aho navuga nti: ‘Hasigaye igihe gito ntimusubire kumbona, ariko inyuma y’igihe gito muzosubira mumbone’?


Muri ico gihe muzosaba mw’izina ryanje. Simvuze ko nzobavugira kuri Data.


Turatahuye ko uzi vyose, kandi ko bidakenewe ko umuntu akubaza ibibazo. Ivyo bitumye twizera ko waje uva ku Mana.”


Kuko duciye kuri we, twese hamwe twaronse uburenganzira bwo gushikira Data turi muri Mpwemu umwe.


Bana banje nkunda, ndabandikiye ibi kugira ngo ntimukore icaha. Ariko bishitse umuntu agacumura, turafise uwutuburanira imbere ya Data: ni Yesu Kristo Umugororotsi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ