Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 16:20 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

20 Ndababwire ukuri, muzorira mugandare, ariko isi yo izonezerwa. Muzogira umubabaro, ariko umubabaro wanyu uzohinduka umunezero.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Mweho muzorira muboroge, arikw ab’ isi bo bazonezerwa; mweho muzobabara, arik’ umubabaro wanyu uzocika umunezero.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 16:20
44 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko ba barimyi babonye uwo muhungu, baca baravugana bati: ‘Uwu ni we azoba samuragwa. Reka tumwice kugira ngo twegukire ivyo yorazwe.’


Harahiriwe abarira, kuko ari bo bazohozwa.


Uwo mwanya nyene isake ica ibika ubugira kabiri. Nuko Petero na we aca aribuka ijambo Yesu yari yamubwiye ati: “Isake itarabika kabiri, uzoba umaze kunyihakana gatatu kose, uvuga ko utanzi.” Maze aca araturikisha ararira.


Na we aca aja kubwira abigishwa iyo nkuru. Abigishwa bari bakigandaye, bamuririra.


Yunamutse ahejeje gusenga, asubira aho ba bigishwa biwe bari bari, asanga barasinziriye, baremerewe n’umubabaro.


Petero aca asohoka hanze, araturikisha ararira.


Maze abantu isinzi baramukurikira, harimwo n’abagore bagenda baramuririra baboroga.


Yesu arababaza ati: “Ivyo mugenda muraganira ni ibiki?” Nuko baca barahagarara, bijiriwe cane.


natwe twari twizeye ko ari we yocunguye Abisirayeli. Kandi uwu ni umusi ugira gatatu ivyo bibaye.


Murahiriwe mwebwe mushonje muri kino gihe, kuko muzohazwa. Murahiriwe mwebwe murira muri kino gihe, kuko muzotwenga.


Ibi ndabibabwiye kugira ngo mugire amahoro muri jewe. Muri iyi si muzohagirira amarushwa menshi, ariko nimuhumure jewe naranesheje isi.”


Yamara imitima yanyu yuzuye umubabaro kubera ivyo ndababwiye.


Ahejeje kuvuga ivyo, abereka ibiganza n’urubavu vyiwe. Abigishwa baranezerwa cane babonye Umwami.


Izo ntumwa zica ziva imbere y’Inama Nkuru y’abarongoye ubwo bwoko zinezerewe, kuko Imana yari yabonye ko bibabereye kubabazwa bahorwa izina rya Kristo.


Kandi si ivyo vyonyene, ubu dufise umunezero kubera imigenderanire myiza dufitaniye n’Imana kuko Umwami wacu Yesu Kristo yatwujuje na yo.


Turababazwa mu mitima ariko twamana umunezero. Dufatwa nk’abakenye ariko dutungishije benshi. Tuboneka nk’aho ata co dufise ariko dufise vyose.


Ariko ivyamwa vya Mpwemu Yera ni ibi: urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana, ingeso nziza, kugira neza, ubwizigirwa,


Mwaratwiganye mwongera mwigana Umwami, kuko mwakiriye Ubutumwa n’umunezero uva kuri Mpwemu Yera, naho mwari mu mibabaro myinshi.


Bene Data, munezerwe cane, igihe cose muhuye n’ibibagerageza vy’uburyo bwinshi,


Imana irashoboye kubazigama ngo ntimurwe no kubashikana imbere y’ubwiza bwayo mutagira ico mwogawa kandi munezerewe cane.


Abazoba baba kw’isi bose bazonezerezwa n’urupfu rwabo, bagire imisi mikuru. Bazohana utuganuke bigina urupfu rw’abo bavugishwa bahora batera ivyago ababa kw’isi.


Cishize hejuru, cibera mu bikayangana; none nimucishure imibabaro n’ivyago. Cirata mu mutima kiti: ‘Nganje nk’umwamikazi; sindi umupfakazi, kandi sinzokwigera ngandara.’


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ