Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 16:17 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Bumvise ayo majambo, bamwe mu bigishwa baravugana bati: “Ashatse kuvuga iki? Ngo: ‘Hasigaye igihe gito ntimusubire kumbona, ariko inyuma y’igihe gito muzosubira mumbone’ kandi ngo: ‘Ngiye kuja kwa Data’.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Bamwe mu bigishwa biwe barabazanya, bati Mbeg’ ivyo atubgiye n’ibiki ngo Hasigaye igihe gito ntimube mukimbona, ngo Maze hazoca ikindi gihe gito musubire kumbona, kandi ngo Kuko nja kwa Data?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 16:17
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko babigumya nk’ibanga, bibaza ico “ukuzuka mu bapfuye” bisigura.


Ariko ntibatahura ico ababwiye, kandi batinya no kugira ico babimubazako.


Ariko abigishwa ntibigera batahura ikintu na kimwe muri ivyo ababwiye. Insiguro yavyo yari ihishijwe, bituma badatahura ico ashatse kubabwira.


Ariko bo ntibatahura ico ababwiye. Insiguro y’ayo majambo yari ihishijwe, bituma batayimenya, kandi batinya no kugira ico babimubazako.


Abigishwa ntibatahuye ubwo nyene ibiriko biraba. Ariko Yesu amaze kwinjira mu bwiza bwiwe, ni ho bibuka ko ivyo bamukoreye vyari vyaranditswe kuri we.


Nuko Yuda (atari Isikariyote) aramubaza ati: “Mwami, ni kuki ushaka kwihishurira twebwe, aho kwihishurira isi?”


Toma aramubaza ati: “Mwami, ntituzi iyo ugiye kuja, none twomenya inzira ijayo gute?”


Ibi ndabibabwiye kugira ngo ntimuzotakaze ukwizera nivyashika.


Yesu arabandanya ati: “Hasigaye igihe gito ntimusubire kumbona, ariko inyuma y’igihe gito muzosubira mumbone.”


Barongera babazanya bati: “ ‘Hasigaye igihe gito’ bisigura iki? Ntidutahura ico ashaka kuvuga.”


Nuko Yesu abonye ko bafise ico bashaka kumubaza, arababwira ati: “Muriko mubazanya ico nashatse kuvuga aho navuga nti: ‘Hasigaye igihe gito ntimusubire kumbona, ariko inyuma y’igihe gito muzosubira mumbone’?


Ariko ubu ngiye gusubira ku wantumye, kandi nta n’umwe muri mwebwe ambajije iyo ngiye kuja.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ