Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 16:13 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Ariko Mpwemu w’ukuri niyaza, azobarongorera mu kuri kwose. Ntazovuga ivyo yigeneye; ahubwo azovuga ivyo yumvise gusa, kandi azobabwira ibigiye kuba.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Arik’ uwo Mpwemu w’ukuri ni yaza, azobarōngōra abashitse ku kuri kwose, kukw atazovuga ivyo yigeneye, arikw ivy’ azokwumva vyose ni vyo azovuga, kand’ azobamenyesha ibigira bize.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 16:13
32 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Sinavuze ivyo nigeneye. Data yantumye ni we yantegetse kuvuga amajambo yose navuze.


ni we Mpwemu w’ukuri. Isi ntishobora kumwakira, kuko itamubona kandi itamuzi. Ariko mwebwe muramuzi, kuko abana namwe kandi azoba muri mwebwe.


Ariko Umwitsa, ari we Mpwemu Yera, uwo Data azorungika mw’izina ryanje, azobigisha vyose yongere abibutse ivyo nababwiye vyose.


Yesu aramwishura ati: “Ni jewe nzira n’ukuri n’ubugingo. Nta n’umwe ashobora gushika kwa Data atanciyeko.


Ariko nzobarungikira Umwitsa, ari we Mpwemu w’ukuri azoza avuye kwa Data. Uwo niyaza, azonshingira intahe.


Mfise vyinshi nashaka kubabwira, ariko ntimushobora kuvyihanganira ubu.


Uwo ashingira intahe ivyo yabonye n’ivyo yumvise, yamara nta n’umwe yemera intahe yiwe.


Ndiko ndababwira ivyo nabonanye Data, ariko mwebwe mukurikiza ivyo mwigishijwe na so.”


Umwe muri bo yitwa Agabo, arahaguruka, yuzuye Mpwemu Yera, avuga ko ikigoyi kizotera mu bwami bw’Abaroma bwose. (Ivyo vyahavuye bishika ku ngoma ya Kilawudiyo.)


Ico nzi gusa ni uko, mu bisagara vyose ncamwo, Mpwemu Yera aguma amburira ko umunyororo n’amakuba bindindiriye.


ambarira ati: ‘Ntutinye Pawulo we! Utegerezwa kuzoburanira imbere ya Kayisari; kandi kubera wewe, Imana izozigama ubuzima bw’abo muri kumwe bose.’


hanyuma kubera yuko banse kwizera ukuri, ariko bakanezerererwa ikibi bazocirirwe urubanza.


Ntihagire uwubabesha mu buryo na bumwe, kuko uwo musi utazoshika kugwanya Imana kutabanje kugaragara, kandi na wa muntu w’umugarariji atarahishurwa, uwagenewe kuzoranduka.


Kera Imana yavuganye na ba sogokuruza kenshi kandi mu buryo bwinshi iciye ku bavugishwa na yo.


Ariko mwebwe Kristo yabahaye Mpwemu Yera, ni co gituma mwese muzi ukuri.


Ariko mwebwe, Mpwemu Yera mwahawe na Kristo aguma muri mwebwe, ni co gituma mudakeneye umuntu wo kubigisha. Uwo Mpwemu arabigisha ivyo mukwiye kumenya vyose, kandi ivyo abigisha ni ivy’ukuri; nta binyoma birimwo. Nuko mugume muri Kristo, nk’uko Mpwemu yabigishije.


Twebwe turi ab’Imana, kandi abazi Imana baratwumviriza; ariko abatari ab’Imana ntibatwumviriza. Uko ni ko dushobora gutandukanya umuntu afise Impwemu y’ukuri n’umuntu afise impwemu y’ibinyoma.


Uwo Yesu Kristo ni we yaje akiyerekana biciye mu kubatizwa mu mazi no mu gusesa amaraso yiwe ku musaraba; si amazi gusa, ni amazi n’amaraso. Kandi Mpwemu Yera ni we abishingira intahe, kuko Mpwemu ni ukuri.


Iki gitabu kidonda ivyahishuwe na Yesu Kristo, ivyo Imana yamuhaye kugira ngo yereke abakozi biwe ibigiye gushika. Na we yabimenyekanishije mu kurungika umumarayika wiwe ku mukozi wiwe Yohana,


Wandike rero ivyo wabonye vyose, ibiriko biraba n’ibiza gukurikira.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ