21 Ivyo bazobibakorera kubera jewe, kuko batazi uwantumye.
21 Arikw ivyo vyose bazobibagirira babahōra izina ryanje, kuko batazi uwantumye.
Muzohagarara imbere y’abatware n’abami muzira kuba abigishwa banje, kugira ngo munshingire intahe imbere yabo n’imbere y’Abanyamahanga.
Muzokwankwa n’abantu bose babampora. Ariko uwuzokwihangana gushitsa kw’iherezo azokira.
Umuntu wese agerageza kwironkera ubuzima azobubura, ariko uwubutanga ku bwanje azoburokora.
Hanyuma bazobafata babahame, ndetse babice. Muzokwankwa n’amahanga yose babahora izina ryanje.
Namwe muzoba muhiriwe abantu nibabatuka, bakabahama, bakabavugako ibibi vyinshi babampora.
Abantu bose bazobanka babahora izina ryanje. Ariko uwuzokwihangana gushitsa kw’iherezo azokira.
Ariko imbere y’uko ivyo bishika, bazobahama, babafate, babatware mu masinagogi no mu mabohero, babarengutse imbere y’abami n’abatware babahora izina ryanje.
Abantu bose bazobanka babahora izina ryanje.
Muzoba muhiriwe abantu nibabanka, bakabakumira, bakabatuka, bakabavuga nabi nk’inkozi z’ibibi, babahora Umwana w’Umuntu.
Iyo ntakorera hagati muri bo ibitangaza ata muntu n’umwe yigeze akora, ntibokwagirijwe icaha. Ariko barabonye ivyo nakoze vyose, yamara baranyanse, banka na Data.
Ivyo bazobikora kuko batamenye Data nanje ntibamenye.
Data ugororotse, naho isi itakuzi, jewe ndakuzi, kandi aba barazi ko ari wewe wantumye.
Na bo baramubaza bati: “Mbega So ari he?” Yesu arabishura ati: “Ntimunzi kandi na Data ntimumuzi. Kuko iyo mumenya uwo ndi we, na Data mwari kumumenya.”
Yesu arabishura ati: “Nimba niha icubahiro, icubahiro canje nta co kimaze. Data, uwo muvuga ko ari Imana yanyu, ni we ampa icubahiro.
Naho mutamuzi, jewe ndamuzi. Iyo mvuga ko ntamuzi, nari kuba mbaye umubeshi nkamwe, ariko ndamuzi kandi ndumvira ijambo ryiwe.
Kuko igihe nariko ndagendagenda ndaba ivyo mukoresha mu gusenga, nabonye n’igicaniro canditsweko ngo: ic’imana itazwi. None rero iyo musenga mutazi niyo ngira ndababwire.
Nanje ubwanje nahora niyumvira ko nkwiye gukora ibishoboka vyose ngo ngwanye izina rya Yesu Umunyenazareti.
None rero bavukanyi, ndazi ko mwabikoze mu kutamenya, co kimwe n’abatware banyu.
Ariko kugira tubuze ibi bintu kubandanya vyamamara mu bantu, reka tubabuze kubandanya bigisha muri iryo zina.”
Izo ntumwa zica ziva imbere y’Inama Nkuru y’abarongoye ubwo bwoko zinezerewe, kuko Imana yari yabonye ko bibabereye kubabazwa bahorwa izina rya Kristo.
Kandi yaje hano afise ububasha yahawe n’abakuru b’abaherezi kugira ngo afate abo bose bambaza izina ryawe.”
Kandi jewe ubwanje nzomwereka imibabaro yose akwiye gucamwo ku bw’izina ryanje.”
Kuko banse kumenya Imana, na yo yarabahevye, irabareka ngo bakurikire ivyiyumviro vyabo bipfuye, bakore ibintu batari babereye gukora.
Garura ubwenge nk’uko bibereye, mureke kwama mukora ivyaha. Ibi ndabivuze kugira ngo ndabatere kugira isoni, kuko bamwe muri mwebwe bataramenya Imana na gato.
Nta n’umwe wo mu baganza b’iki gihe yigeze abutahura, kuko iyo baba barabutahuye, ntibaba barabamvye Umwami w’ubwiza.
Azohana abatazi Imana n’abatubaha ivyo Ubutumwa Bwiza bw’Umwami Yesu bwigisha.
Nimurabe urukundo Data yadukunze kugeza aho atwita abana biwe! Kandi koko turi bo! Igituma ab’isi batazi ko turi abana n’Imana ni uko batayimenye.
kuko bafashe urugendo bakorera izina rya Kristo, kandi ntibemeye gufashwa n’abatizera.
Wihanganiye imibabaro myinshi ku bw’izina ryanje, ntiwadendebukirwa.