14 Muzoba muri abakunzi banje nimwakora ivyo mbategeka.
14 Mur’ abakunzi banje, ni mwakora ivyo mbagera.
Kuko uwukora ivyo Data wo mw’ijuru ashaka wese ni we mwene mama, kandi ni we mama.”
Bagenzi banje, umve ndababwire: ntimugatinye abica umubiri ariko inyuma y’ivyo ata kindi bashobora kubagira.
Ivyo murabimenye, ariko muzohezagirwa ni mwabishira mu ngiro.
Nimwaba munkunda, nimushire mu ngiro amabwirizwa yanje.
Umuntu wese yakira amabwirizwa yanje akayashira mu ngiro, ni we ankunda. Kandi uwunkunda Data azomukunda. Nanje nzomukunda ndanamwiyereke.”
Mwibuke ivyo nababwiye: Ngiye kugenda ariko nzogaruka aho muri. Iyo muba munkunda, mwari kunezerezwa n’uko ngiye kuja kwa Data, kuko Data aranduta cane.
Ariko Mariya abwira abakozi ati: “Ico ababwira cose mugikore.”
Hanyuma Ivyanditswe bivuga ngo: “Aburahamu yizeye Imana bituma imwemera nk’umugororotsi,” birashitswa mbere aca yitwa umukunzi w’Imana.
Kuko gukunda Imana ni ukwitondera amabwirizwa yayo, kandi amabwirizwa yayo ntaremeye,