13 Nta rukundo ruruta gutanga ubugingo bwawe ku bwa bagenzawe.
13 Nta wogira urukundo ruruta urw’ uk’ umuntu yigura abakunzi biwe.
Bagenzi banje, umve ndababwire: ntimugatinye abica umubiri ariko inyuma y’ivyo ata kindi bashobora kubagira.
Jewe ndi umwungere mwiza. Umwungere mwiza yitangira intama ziwe.
nk’uko Data anzi nanje nkamumenya. Ni co gituma ntanga ubugingo bwanje ku bwazo.
Ku bwabo ndiyeza, kugira ngo na bo bezwe mu kuri.
kandi mugendere mu nzira y’urukundo, nk’uko Kristo yadukunze akitanga ku bwacu ngo abe ubumote bwiza n’ikimazi bihabwa Imana.
Iki ni co kitwereka urukundo ico ari co: Yesu Kristo yatanze ubuzima bwiwe ku bwacu. Natwe dukwiye gutanga ubuzima bwacu ku bwa bene Data bandi.