Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 14:9 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Yesu aramwishura ati: “Filipo, inyuma y’iki gihe cose tumaranye, uracavuga ko utanzi? Uwumbonye wese aba abonye Data! None ni kuki uvuze uti: ‘Twereke Data’?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Yesu aramubaza, ati Mbega ko nabanye namwe igihe kingana girtyo, nturakaruha ummenya ga Filipo? Ūbonye jewe aba abonye Data: non’ uvuga ute ngo Twereke So?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 14:9
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yesu yishura avuga ati: “Mwa bantu b’iki gihe, nta kwizera mufise! Mbega nkwiye kugumana namwe igihe kingana gute? Mbega nzobihanganira gushika ryari? Nimunzanire uwo mwana.”


Mwa ndyarya mwe, ko mushobora gutahura ibimenyetso vy’ibihe murabiye ku biba kw’isi no kw’ijuru, ni igiki kibabuza gutahura ivy’iki gihe?


Jambo yahindutse umuntu abana natwe, yuzuye ubuntu n’ukuri. Natwe twariboneye ubwiza bwiwe; ni ubwiza bw’Umwana w’ikinege akura kuri Se.


Uwo musi niwashika, muzotahura ko ndi muri Data, kandi ko namwe muri muri jewe, nanje nkaba muri mwebwe.


Iyo muja kuba munzi vy’ukuri, mwari kuba muzi na Data. Noneho kuva ubu muramuzi kandi mwaramubonye.”


Na bo baramubaza bati: “Mbega So ari he?” Yesu arabishura ati: “Ntimunzi kandi na Data ntimumuzi. Kuko iyo mumenya uwo ndi we, na Data mwari kumumenya.”


None rero nimba twigisha ko Kristo yazutse mu bapfuye, ni kubera iki bamwe muri mwebwe bavuga ko ata zuka ry’abapfuye rihari?


We, naho yari Imana, ntiyigeze abona ko kungana n’Imana ari ikintu co kwumirako.


Kristo ni we shusho iboneka y’Imana itaboneka, imfura irengeye ivyaremwe vyose,


Uwo Mwana yerekana ugukayangana kw’ubwiza bw’Imana kandi ni we shusho nyayo iboneka y’ubumana bwayo. Vyongeye ni we ashigikije vyose ijambo ryiwe ry’inkomezi. Ahejeje gushiraho uburyo bwo kwoza ivyaha vyacu, yaciye yicara mu kibanza c’iteka i buryo bw’Imana y’icubahiro mw’ijuru.


Turazi kandi ko Umwana w’Imana yaje akaduha ugutahura, kugira ngo tumenye Imana nyakuri. Ubu turi mu Mana nyakuri kuko turi mu Mwana wayo, Yesu Kristo. Ni we Mana nyakuri kandi ni we bugingo budashira.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ