Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 14:19 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Hasigaye igihe gito isi ntisubire kumbona, ariko mwebwe muzombona, kandi ko ndiho, namwe muzobaho.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Hasigaye igihe gito, ab’ isi ntibabe bakimbona, ariko mweho muzombona; kuko ndiho, namwe muzobaho.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 14:19
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yesu aramubwira ati: “Ni jewe kuzuka n’ubugingo. Uwunyizera wese, naho yopfa, azobaho.


Maze Yesu arababwira ati: “Umuco wanje usigaje igihe gito co kubaboneshereza. Nimugendere mu muco bigishoboka, umwijima utarabahwikira. Umuntu wese agendera mu mwijima ntashobora kumenya iyo ariko araja.


Bana banje, nsigaje igihe gito cane ndi kumwe namwe. Muzondondera, kandi nk’uko nabibwiye Abayuda, namwe ndabibabwiye: ntimushobora gushika aho ngiye kuja.


Yesu aramwishura ati: “Ni jewe nzira n’ukuri n’ubugingo. Nta n’umwe ashobora gushika kwa Data atanciyeko.


Yesu arabandanya ati: “Hasigaye igihe gito ntimusubire kumbona, ariko inyuma y’igihe gito muzosubira mumbone.”


Ni ko bimeze no kuri mwebwe: Iki ni igihe canyu c’umubabaro, ariko nitwasubira kubonana imitima yanyu izonezerwa, kandi nta n’umwe azoshobora kubatwara umunezero wanyu.


Kuko ico Data ashaka ni uko uwubonye Umwana akamwizera agira ubugingo budashira, kandi nanje nzomuzura ku musi wa nyuma.”


Yesu aravuga ati: “Ndi kumwe namwe igihe gito gusa, hanyuma nzoca nsubira ku wantumye.


Yesu yongera kubabwira ati: “Ngiye kugenda, kandi muzondondera, ariko muzopfira mu vyaha vyanyu. Aho ngiye kuja, ntimushobora kuhashika.”


Ntiyabonywe na bose, kiretse twebwe abo Imana yari yaratoranije nk’ivyabona, twasangiye na we amaze kuzuka mu bapfuye.


Kuko nimba Imana yaduhaye kwuzura na yo biciye mu rupfu rw’Umwana wayo tukiri abansi bayo, ntidukekeranya ko, ubu tumaze kwuzura na yo, tuzokizwa n’ubugingo bwiwe.


None ni nde azobatsindisha? Nta n’umwe, kuko Kristo Yesu yadupfiriye, ikigeretseko yarazutse ku bwacu, ubu yicaye mu kibanza c’iteka i buryo bw’Imana kandi aradusengera.


Ariko koko Kristo yarazutse mu bapfuye, maze, nk’ivyeze ubwa mbere, aba icemeza ko abapfuye bazozuka.


Ivyanditswe bivuga ngo: “Umuntu wa mbere, ari we Adamu, yabaye uwufise ubuzima,” Adamu wa nyuma, ari we Kristo yaje ari Impwemu itanga ubugingo.


Ni co gituma ashobora gukiza rwose abegera Imana bamwisunze, kuko abaho ibihe vyose abasengera ku Mana.


Nca mbona intebe z’inganji zicaweko n’abahawe ubushobozi bwo guca imanza. Hanyuma nca mbona imishaha y’abaciwe imitwe bahorwa gushingira intahe Yesu no kuvuga ijambo ry’Imana. Abo ntibigeze basenga ca gikoko canke ngo basenge igishushanyo caco, kandi ntibashizweko ikimenyetso caco ku ruhanga canke mu kiganza. Nuko basubira kuba bazima, baganzanya na Kristo imyaka igihumbi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ