18 Sinzobasiga nk’impfuvyi; nzoza aho muri.
18 Sinzobasiga nk’impfuvyi, nzoza kuri mwebge.
Kuko aho babiri canke batatu bakoraniye mw’izina ryanje, nanje mba ndi hagati muri bo.”
mubigishe gushira mu ngiro ivyo nabategetse vyose. Kandi mumenye ko ndi kumwe namwe imisi yose gushika ku muhero w’isi.”
Nanje nzosaba Data abahe uwundi Mwitsa azobana namwe ibihe vyose,
Ninaheza kubategurira aho kuba, nzogaruka kubatora, kugira ngo mubane nanje aho nzoba ndi.
Yesu arabandanya ati: “Hasigaye igihe gito ntimusubire kumbona, ariko inyuma y’igihe gito muzosubira mumbone.”
Ibi ndabibabwiye kugira ngo mugire amahoro muri jewe. Muri iyi si muzohagirira amarushwa menshi, ariko nimuhumure jewe naranesheje isi.”
Umwami wacu Yesu Kristo we nyene, n’Imana Data wa twese yadukunze, kandi hamwe n’ubuntu bwayo baduhe ukuremeshwa kw’ibihe bidashira n’ivyizigiro vyiza,
Ni co gituma ashobora kudufasha iyo tugeragezwa, kuko na we yageragejwe n’imibabaro yaciyemwo.