1 “Ntimuhagarike imitima yanyu, mwizere Imana kandi nanje munyizere.
1 Ntimuhagarike imitima yanyu, mwizere Imana, nanje munyizere.
Yesu abonye amarira ya Mariya n’ay’Abayuda bari bazananye na we, afatwa n’ibigumbagumba arababara cane.
Mfise uruhagarara mu mutima, mbega mvuge nti: ‘Data, nkiza iyi saha’? Ariko iki ni co canzanye, iki gihe ni co canzanye.
Nuko Yesu arasemerera ati: “Uwunyizera ntaba yizeye jewe gusa, ariko aba yizeye n’uwantumye.
Ndabibabwiye bitaraba, kugira ngo nivyashika muze mwizere ko ndi uwo ndi we.
Gushika ubu nta kintu na kimwe murasaba mw’izina ryanje. Nimusabe muzohabwa, kugira ngo umunezero wanyu wuzure.
Ivyo bazobikora kuko batamenye Data nanje ntibamenye.
Yamara imitima yanyu yuzuye umubabaro kubera ivyo ndababwiye.
kugira ngo bose bubahe Umwana nk’uko bubaha Se. Uwutubaha Umwana, ntiyubaha na Se yamutumye.
Kuko ico Data ashaka ni uko uwubonye Umwana akamwizera agira ubugingo budashira, kandi nanje nzomuzura ku musi wa nyuma.”
Ni co gituma ubu hageze ko mumuharira, mukamwirura, ahandi ho umubabaro womuca intege.
Ni co gituma, kuva numvise ukwizera Umwami Yesu kwanyu n’urukundo mukunda abantu b’Imana bose,
turabinginze ngo ntimunyiganyige canke ngo muhagarike imitima kubera inyigisho womenga zivuye kuri twebwe (vyaba biciye mu buryo bwo kuvugishwa, canke amajambo canke ikete) zibabwira ko umusi w’Umwami wacu umaze gushika.
Biciye muri Kristo, mwahawe kwizera Imana. Kandi ukwizera kwanyu n’ivyizigiro vyanyu mwabishize mu Mana kuko yamuzuye imukuye mu bapfuye, ikamuha ubwiza.