Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 13:23 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

23 Umwe muri bo, uwo Yesu yakunda, yari yegamiye mu gikiriza ca Yesu bari ku meza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Hārih’ umwe mu bigishwa biwe yari yegamiye mu gikiriza ca Yesu bariko bararya, umwe Yesu yakunda.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 13:23
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Igihe carageze uwo mworo arapfa, maze abamarayika baraza bamudugana mu gikiriza ca Aburahamu. Mu nyuma, wa mutunzi na we arapfa, arahambwa,


Nta muntu n’umwe yigeze abona Imana. Ariko Umwana w’ikinege, na we ubwiwe asanzwe ari Imana, akaba ari mu gikiriza ca Se, ni we yayiduhishuriye.


Nuko bashiki ba Lazaro batumako Yesu bati: “Mwami, umwe ukunda ararwaye.”


Abayuda bari aho baravuga bati: “Ehe ingene yamukunda!”


Yesu yarakunda Marita na mwene nyina Mariya na Lazaro.


Simoni Petero avunira akagohe uwo mwigishwa, amubwira ati: “Mubaze uwo ari we.”


Na we yegamira Yesu aramubaza ati: “Mwami, ni nde?”


Yesu abonye nyina ahagaze aho, na wa mwigishwa Yesu yakunda amwegereye, abwira nyina ati: “Muvyeyi, ng’uwo umwana wawe,”


Nuko ariruka aja kurondera Simoni Petero na wa mwigishwa wundi Yesu yakunda, arababwira ati: “Bakuye Umwami mu mva, kandi ntituzi iyo bamushize.”


Nuko Petero arahindukira abona wa mwigishwa Yesu yakunda ariko arabakurikira. (Uwo ni umwe yari yegamiye mu gikiriza ca Yesu bariko barafungura akamubaza ati: “Mwami, ni nde agiye kukugurisha?”)


Uwo mwigishwa ni we ashingira intahe ivyo kandi ni na we yavyanditse. Kandi turazi ko intahe yiwe ari iy’ukuri.


Wa mwigishwa Yesu yakunda abwira Petero ati: “Ni Umwami!” Simoni Petero yumvise ko ari Umwami, aca yambara impuzu yiwe yo hejuru (kuko yari yayikuye) asimbira mu mazi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ