22 Abigishwa barabana mu maso, bibaza uwo ariko aravuga.
22 Abigishwa bararābana, bazazaniwe uwo avuze uw’ ari we.
Bariko barafungura, Yesu aravuga ati: “Ndababwire ukuri, umwe muri mwebwe ahava angurisha.”
Abigishwa biwe baca barababara cane, umwe wese akavuga ati: “Mwami, nibaza ko atari jewe!”
Bariko barafungura, Yesu aravuga ati: “Ndababwire ukuri, umwe muri mwebwe turiko turasangira ahava angurisha.”
Abigishwa baca barababara, umwe wese aramubaza ati: “Yoba ari jewe?”
Kandi ehe raba uwugira angurishe twicaranye hano dusangira.
Baca batangura kubazanya hagati muri bo uwokwubahuka gukora ivyo.
Ibi sindabivuze kuri mwebwe mwese; kuko ndazi abo natoranije. Ariko ibi bishitsa Ivyanditswe bivuga ngo: ‘Uwo twasangiye ivyokurya vyanje, ni we yahindukiriye kungwanya.’
Yesu ahejeje kuvuga ayo majambo, agira uruhagarara mu mutima wiwe, maze ashinga intahe avuga ati: “Ndababwire ukuri, umwe muri mwebwe agiye kungurisha.”