17 Ivyo murabimenye, ariko muzohezagirwa ni mwabishira mu ngiro.
17 Ni mwamenya ivyo, muzoba muhiriwe ni mwabikora.
Kuko uwukora ivyo Data wo mw’ijuru ashaka wese ni we mwene mama, kandi ni we mama.”
Yesu aramwishura ati: “Ahubwo hahiriwe abumva ijambo ry’Imana bakarishira mu ngiro.”
Muzoba muri abakunzi banje nimwakora ivyo mbategeka.
Kuko kwumva gusa ivyagezwe ntikutugira abagororotsi mu maso y’Imana, ahubwo kuvyumvira ni kwo kutugira abagororotsi mu maso yayo.
Kuko muri Kristo Yesu, ugukebwa canke ukudakebwa nta kimazi bifise. Igihambaye ni ukwizera gukorera mu rukundo.
Ariko uwusuzuma neza ivyagezwe bitunganye kandi bitanga umwidegemvyo, hanyuma agashishikara kubikora, ntiyibagire ivyo yumvise, ariko akabishira mu ngiro, uwo ni we azohabwa umugisha mu vyo akora.
Umuntu wese azi iciza yategerezwa gukora ntagikore, aba acumuye.
Hahirwa abamesura amakanzu yabo, kuko bazohabwa uburenganzira bwo kurya ku giti c’ubugingo no kwinjira mw’irembo rya ca gisagara.