Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 12:42 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

42 Ariko rero benshi baramwizeye, harimwo na bamwe mu bakuru b’Abayuda. Ariko ntibavyemera ku mugaragaro kubera gutinya ko Abafarisayo babirukana mw’isinagogi;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

42 Yamara no mu bakuru, benshi baramwizeye; ariko kubg’ Abafarisayo ntibāvyatura, kugira ngo boye gucibga mw isinagogi,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 12:42
25 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umuntu wese azonyemanga imbere y’abantu, nanje nzomwemanga imbere ya Data wo mw’ijuru.


Ndababwire ukuri, umuntu wese azonyemanga imbere y’abantu, Umwana w’Umuntu na we azomwemanga imbere y’abamarayika b’Imana.


Pilato aca akoranya abakuru b’abaherezi, abatware n’abari aho bose,


Muzoba muhiriwe abantu nibabanka, bakabakumira, bakabatuka, bakabavuga nabi nk’inkozi z’ibibi, babahora Umwana w’Umuntu.


Ivyo vyatumye Abayuda benshi bari baje kugarukira kuri Mariya bizera Yesu, bamaze kubona ivyo akoze.


kuko kubera we, Abayuda benshi bariko barabavako bizera Yesu.


Bazobirukana mu masinagogi, kandi igihe kiraje aho abazobica bazokwibaza ko bariko bakorera Imana.


Inyuma y’ivyo, Yosefu w’i Arimataya asaba Pilato uruhusha rwo kumanura ikiziga ca Yesu. Uwo Yosefu yari umwigishwa wa Yesu, ariko mu kinyegero, kuko yatinya abakuru b’Abayuda. Pilato amwemereye, Yosefu araza ajana ikiziga ca Yesu.


Umusi umwe aza kuraba Yesu mw’ijoro aramubwira ati: “Rabi, turazi ko uri umwigisha yavuye ku Mana, kuko nta muntu yoshobora gukora ibitangaza ukora, Imana itari kumwe na we.”


Ariko nta n’umwe yubahuka kuvuga ivyiwe ku mugaragaro kuko batinya Abayuda.


Ariko benshi mu bari aho baramwizeye, bavuga bati: “None Kristo niyaza azokora ibitangaza birenze ivyo uwu ariko arakora?”


Abavyeyi biwe bishuye uko kuko batinya abakuru b’Abayuda. Abo bakuru bari bafashe ingingo ko umuntu wese azovuga ko Yesu ari Kristo azokwirukanwa mu rusengero.


Baramwishura bati: “Wewe wavukiye mu vyaha wongera ubikuriramwo, none uriko uratwigisha!” Nuko baca baramwirukana mu rusengero.


Izo ntumwa zica ziva imbere y’Inama Nkuru y’abarongoye ubwo bwoko zinezerewe, kuko Imana yari yabonye ko bibabereye kubabazwa bahorwa izina rya Kristo.


Kuko umuntu yizeye mu mutima aca yemerwa n’Imana nk’umugororotsi, kandi iyo yatuje akanwa kiwe bituma akizwa.


Umuntu wese yemera ko Yesu ari Umwana w’Imana, Imana iba muri we na we akaba muri yo.


Iki ni co cerekana ko bafise Mpwemu w’Imana: umuntu wese avuga ko avugishwa n’Imana, akemera ko Yesu Kristo yaje yambaye umubiri, uwo aba akoreshwa na Mpwemu w’Imana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ