39 Ni co gituma batashobora kwizera, kuko Yesaya yongeye yandika ati:
39 Ni co catumye badashobora kwizera, kuko Yesaya yongeye kuvuga,
Ariko nimba nkora ibikorwa vya Data, naho mutonyizera jewe, nimwizere ibikorwa nkora, kugira ngo mumenye kandi mutahure ko Data ari muri jewe nanje nkaba muri we.”
Ibi vyabaye kugira ngo ijambo ry’uwavugishwa n’Imana Yesaya rishike, aho yanditse avuga ati: “Mwami, ni nde yizeye Ubutumwa Bwiza twavuze? Ni ba nde Uhoraho yahishuriye ukuboko kwiwe kw’ubushobozi?”
“Uhoraho yabagize impumyi akomantaza imitima yabo, kugira ngo amaso yabo ntabone, n’imitima yabo ntitahure, ngo boye kumpindukirira nanje ngo ndabakize.”
Mbega mwokwizera gute kandi murondera gushimana hagati yanyu, aho kurondera gushimwa n’Imana imwe rudende?
Nta muntu n’umwe ashobora kuza aho ndi Data yantumye atamuzanye, kandi nzomuzura ku musi wa nyuma.
Kubera amaso yabo yuzuye ubusambanyi, ntibahaga gucumura, basuka imitima y’abadakomeye, bashize imitima ku nyungu mbi, bariko umuvumo w’Imana!