Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 12:38 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

38 Ibi vyabaye kugira ngo ijambo ry’uwavugishwa n’Imana Yesaya rishike, aho yanditse avuga ati: “Mwami, ni nde yizeye Ubutumwa Bwiza twavuze? Ni ba nde Uhoraho yahishuriye ukuboko kwiwe kw’ubushobozi?”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

38 ngw ijambo ry’uwavugishwa n’Imana Yesaya rishike, ngo, Mwami, ni nde yizeye ico twumvise? Kand’ ukuboko kw’Uhoraho kwahishuriwe nde?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 12:38
24 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mwa ndyarya mwe, Yesaya yavuze ukuri igihe yabavugishwako ati:


Yesu aramwishura ati: “Uri umuhirwe, Simoni mwene Yona, kuko ivyo ntubihishuriwe n’umuntu buntu afise inyama n’amaraso gusa, ariko ni Data wo mw’ijuru abiguhishuriye.


Bamubamba ku musaraba, hanyuma bagabura impuzu ziwe bakoresheje ubupfindo,


Naho Yesu yakoreye ibitangaza vyinshi imbere y’abantu, benshi ntibamwizeye.


Ni co gituma batashobora kwizera, kuko Yesaya yongeye yandika ati:


Ibi bishitsa ivyanditswe mu Vyagezwe vyabo bivuga ngo: ‘Banyanse ata co bampoye.’


Nkiri kumwe na bo, nabazigamiye mu bushobozi bw’izina ryawe, rimwe wampa. Narabarinze kandi nta n’umwe muri bo yazimiye kiretse umwe yategerezwa kuranduka kugira ngo Ivyanditswe bishike.


Baravugana bati: “Ntidukwiye kuyitabura. Reka tuyipfindire kugira ngo tumenye uwuyegukira.” Ibi vyabaye kugira ngo bishitse Ivyanditswe bivuga ngo: “Bagabuye impuzu zanje, bapfindira umutamana wanje.” Ivyo ni vyo abasoda bakoze.


Ariko rero si abantu bose bemera kwakira Ubutumwa Bwiza, kuko Yesaya yavugishijwe ngo: “Mwami ni nde yizeye Ubutumwa Bwiza twavuze?”


Mu nyuma, Yesaya na we yavuze ashize amanga ati: “Nabonywe n’abatariko baranandondera, niyereka abatariko baranabaza ivyanje.”


Ariko ku bahamagawe, baba Abayuda canke Abagiriki, Kristo ni ubushobozi n’ubwenge vy’Imana.


kumpishurira Umwana wayo kugira ngo nanje ndamumenyekanishe mu Banyamahanga; kandi ivyo bibaye, sinagishije inama umuntu n’umwe,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ