Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 12:36 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

36 Nimwizere umuco mukiwufise, kugira ngo mube abana b’umuco.” Ahejeje kuvuga ayo majambo, Yesu aca aragenda arabinyegeza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

36 Mugifise umuco, mwizere umuco, ngo mube abana b’umuco. Yesu amaze kuvuga ivyo, arīgīra, arabīhisha.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 12:36
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze aca abasiga ngaho, ava mu gisagara aja kurara i Betaniya.


Muri umuco mu bantu bo mw’isi. Igisagara kiri hejuru ku gasozi, ntigishobora kunyegezwa.


Maze shebuja ashima amayeri uwo munyabigega asesagura yakoresheje. Ni ko n’abana b’iyi si bazi ubwenge bwo kwitunganiriza ivy’ubuzima kurusha abana b’umuco.


aza gushingira intahe uwo muco kugira ngo bose bizere kubera intahe yiwe.


Ivyo vyatumye Yesu adasubira kugendagenda ku mugaragaro mu Bayuda. Ahubwo yaciye aja mu karere ko hafi y’ubugaragwa, mu gisagara citwa Efurayimu, agumanayo n’abigishwa biwe.


Naho Yesu yakoreye ibitangaza vyinshi imbere y’abantu, benshi ntibamwizeye.


Naje nk’umuco uboneshereza iyi si, kugira ngo ntihagire abanyizera baguma mu mwijima.


Ariko umuntu wese akora ivy’ukuri yegera umuco, kugira ngo bigaragare ko ivyo akora abikorera mu kwubaha Imana.”


Nuko Yesu abandanya yigisha ba bantu, ababwira ati: “Jewe ndi umuco w’isi. Uwunkurikira ntazogendera mu mwijima, ahubwo azoronka umuco w’ubugingo.”


Bumvise ayo majambo baca batora amabuye ngo bayamutere, ariko Yesu aca arinyegeza, arasohoka ava mu rusengero.


Kuko kera mwari mwuzuye umwijima, ariko noneho ubu mufise umuco uva ku Mwami wacu. Nimubeho rero nk’abana b’umuco


Mwese muri abana b’umuco n’abana b’umurango. Ntituri ab’ijoro, kandi ntituri ab’umwijima.


Ariko ko turi ab’umurango, muze tugendane ubwenge, twambaye ukwizera n’urukundo nk’icuma gikingira igikiriza, n’ivyizigiro vy’agakiza nk’inkofero y’icuma.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ