Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 12:25 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

25 Umuntu wese akunda ubuzima bwiwe muri iyi si azobubura, ariko umuntu wese yanka ubuzima bwiwe muri iyi si azobuzigama ibihe bidashira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 Ūkunda ubugingo bgiwe azobubura, arik’ uwanka ubugingo bgiwe mur’ iyi si azobuzigama gushitsa ku bugingo budashira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 12:25
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umuntu wese agerageza kwironkera ubuzima azobubura, ariko uwubutanga ku bwanje azoburokora.


Kuko uwugomba gukiza ubugingo bwiwe azobubura, ariko uwubuheba ku bwanje azoburokora.


Kandi nta muntu n’umwe yasize inzu, canke abavukanyi, canke se, canke nyina, canke umugore, canke abana, canke amatongo kubera izina ryanje, atazobishumbushwa incuro ijana kandi akaragwa n’ubugingo budashira.


Kuko uwugomba gukiza ubugingo bwiwe, azobubura. Ariko uwubuheba ku bwanje no ku bw’Ubutumwa Bwiza, azobukiza.


“Uwugomba kunkurikira ariko ntiyanke se, canke nyina, canke umugore wiwe, canke abana, canke abo bavukana, ndetse n’ubuzima bwiwe na bwo, ntashobora kuba umwigishwa wanje.


Uwugomba gukiza ubugingo bwiwe azobubura, ariko uwuzobuheba azobukiza.


Ariko mbona ko ubuzima bwanje ata co bwoba bumaze hamwe ntorangiza urugendo, ngansozera igikorwa Umwami Yesu yanshinze co kubwira abantu Ubutumwa Bwiza bw’ubuntu bw’Imana.


Pawulo aratwishura ati: “Ni kuki murira, mumbabariza umutima? Siniteguriye kubohwa gusa, ahubwo niteguriye no gupfira i Yerusalemu ku bw’izina ry’Umwami Yesu.”


Abagore bazuriwe ababo bakuwe mu rupfu. Ariko hari n’abishwe bahohotewe kuko banse kwihakana Imana ngo barekurwe. Bashaka kuzukira ubuzima burusha ubu kuba bwiza.


Bamuneshesheje amaraso y’Umwagazi hamwe n’ijambo ryo gushinga intahe. Bemeye guheba ubuzima bwabo, ntibatinya urupfu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ