Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 12:20 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

20 Mu bantu bari baje i Yerusalemu mu misi mikuru ya Pasika gusenga, harimwo Abagiriki.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 Hār’ Abagiriki bamwe, mu bādūze gusenga mu misi mikuru,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 12:20
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uwo mugore yari Umugirikikazi yavukiye i Foyinike muri Siriya. Nuko yinginga Yesu ngo yirukane impwemu mbi yari mu mukobwa wiwe.


Hagisigaye imisi itandatu ngo Pasika ishike, Yesu aja i Betaniya, aho Lazaro umwe yari yazuye yaba.


Nuko Abafarisayo baravugana bati: “Murabona ko ata co turiko turashikako. Isi yose iriko iramukurikira!”


Abayuda baravugana bati: “Mbega uwu mugabo afise umugambi wo kuja he, aho tudashobora kumubona? Yoba ashaka kuja mu Bayuda baba mu Bagiriki? Yoba ashaka kuja kwigisha Abagiriki?


Muri Ikoniyo, Pawulo na Barunaba binjira mw’isinagogi nk’uko bahora babigenza. Maze bavuga Ubutumwa Bwiza batarya umunwa, bituma Abayuda n’Abanyamahanga benshi bizera.


Nuko Pawulo ashika i Derube, hanyuma aja i Lusitira, aho umwigishwa yitwa Timoteyo yaba. Nyina yari Umuyudakazi yizera, ariko se yari Umugiriki.


Bamwe mu Bayuda banyurwa n’izo nyigisho, baca bifatanya na Pawulo na Silasi, co kimwe n’igitigiri kinini c’Abagiriki bubaha Imana, hamwe n’abagore b’abanyacubahiro batari bake.


Nigishije Abayuda n’Abagiriki ko bakwiye kwihana bagahindukirira Imana mu kwizera Umwami Yesu.


Barasemerera bati: “Yemwe Bisirayeli, dutabare! Uwu ni wa mugabo agenda arigisha abantu bose aho aciye hose, atyoza ubwoko bwacu, ivyagezwe n’uru rusengero. Ikigeretseko, yazanye Abagiriki mu rusengero, ahumanya iki kibanza cera.”


Nuko afata inzira, akiriko aragenda ahura n’inkone y’Umunyetiyopiya, yari umutware akomeye, ajejwe ubutunzi bwa Kanidake, umwamikazi w’Abanyetiyopiya. Uwo muntu yari yagiye i Yerusalemu gusenga.


Ubutumwa Bwiza ntibuntera isoni, kuko ni ubushobozi bw’Imana buzanira uwizeye wese agakiza, uhereye ku Muyuda ukageza ku Mugiriki.


Kandi kuri ivyo, nta tandukaniro riri hagati y’Abayuda n’abanyamahanga, kuko bose bafise Umwami umwe kandi atanga cane agahaza ivyiza uwumwambaje wese.


Ariko, mbere na Tito twari kumwe, ntibigeze bamugobera ngo akebwe kandi ari Umugiriki.


Nta Muyuda canke Umugiriki, nta mugurano canke uwidegemvya, nta mugore canke umugabo, mwese muri umwe muri Kristo Yesu.


Aha ntihaba hakiri Umugiriki canke Umuyuda, uwakebwe canke uwutakebwe, uwateye imbere canke uwutaratera imbere, umugurano canke uwidegemvya, ariko ni Kristo ari vyose kandi ari muri bose.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ