Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 12:17 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Abantu benshi bari kumwe na Yesu igihe yahamagara Lazaro ngo ave mu mva, akamuzura mu bapfuye, babandanije bakwiza inkuru y’ivyo babonye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Nuko rya shengero rimushingira intahe, rimwe ryari kumwe na we hamwe yahamagara Lazaro ngw ave mu mva, akamuzura mu bapfuye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 12:17
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Iyi ni yo ntahe Yohana yashinze igihe abakuru b’Abayuda b’i Yerusalemu bamutumako abaherezi n’Abalewi ngo bamubaze uwo ari we.


Maze Yohana ashinga intahe avuga ati: “Nabonye Mpwemu Yera amanuka ava mw’ijuru mw’ishusho y’inuma, amugumako.


Ivyo narabibonye, ni co gituma nshinga intahe ko uwo ari Umwana w’Imana.”


Abayuda bari kumwe na Mariya mu nzu bamuremesha babonye ahagurutse yihuta agaca asohoka, baramukurikira, kuko bibaza ko yoba agiye ku mva kuririrayo.


Ndazi ko wama unyumva, ariko ibi ndabivuze ku neza y’aba bantu bahagaze hano, kugira ngo bizere ko ari wewe wantumye.”


Abayuda bamenye ko Yesu ari i Betaniya, baza ari benshi kumuraba no kuraba Lazaro, umwe yari yazuye mu bapfuye.


Uwabibonye ni we yabishingiye intahe, kandi intahe yiwe ni iy’ukuri, kandi ashinga iyo ntahe kugira ngo mwizere.


Uwo mwigishwa ni we ashingira intahe ivyo kandi ni na we yavyanditse. Kandi turazi ko intahe yiwe ari iy’ukuri.


uhereye igihe yabatizwa na Yohana, gushika igihe yaduzwa mw’ijuru. Uwo azoheza abe icabona kimwe muri twebwe co gushingira intahe ukuzuka kwiwe.”


Ivyo twebwe turabishingira intahe, kandi na Mpwemu Yera arabishingira intahe, uwo Imana yahaye abamwumvira.”


na we ashingira intahe ivyo yabonye vyose ku bijanye n’ijambo ry’Imana n’intahe ya Yesu Kristo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ